Accueil > Inkino > FOOTBALL > Brésil : Uburundi mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa
Brésil : Uburundi mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa
dimanche 6 Ndamukiza 2014
Umurwi w’umupira w’abana bo mw’ibarabara wo mu Burundi waronse uburenganzira bwo kuja mu rukino rwanyuma rw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru w’abana bo mw’ibarabara. ihiganwa rriko ribera muri Brésil.
Kuri uyu wa gatandatu itarike 5 Ndamukiza 2014, umurwi w’abana bo mw’ibarabara waserukiye Uburundi muri Brésil warakinye n’igihugu ca Pakistani. Urwo rukino rw’Uburundi na Pakistani rukaba rwarangiye ku bitsindo bine vy’Uburundi kuri bitatu vya Pakistani. Igice ca mbere c’urwo rukino igihugu ca Pakistani kikaba cari cinjije ibitsindo 3 kuri 1 c’Uburundi.
Umurwi w’uburundi ukaba waciye wivyikranya mu gice ca kabiri c’urukino. Ibitsindo 3 vyiyongera ku cambere vyahaye instinzi Uburundi. Gutyo muri urwo rukino rwo mu gice ca kabiri gishira icanyuma c’ihiganwa (demi-final), Uburundi bohakura uburenganzira bwo kuja mu rukino rwanyuma rw’ihiganwa.
Pakistani kokaba kizohiganirwa ikibanza ca gatatu n’igihugu ca Reta Zunzubumwe z’Amerika.
INGABIRE Luc-Noël
Messages
6 Ndamukiza 2014, 16:39, par Mama
Mwebwe murakoze ibikomeye gusumba abigirango baraminuje birirwabahagaze imbere yamagorofa mubihugu vyamaze kwiterera imbere igihuguntigiterimbere abantubadakoze ntigiterimbere kubera gutwara ibirego ahubwo urakora ibijanye niterambere.
6 Ndamukiza 2014, 20:56, par RUKUNDO
Abo bana naho bahoze mw’ibarabara barateye iteka igihugu. ni bakomere turabashigikiye. na Académie le Messager nayo yaratunezereje.