Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Bresil: Yibagishije ashaka ibisusu binini none ariko aborera mu bitaro (...)
Bresil: Yibagishije ashaka ibisusu binini none ariko aborera mu bitaro (photo&video)
jeudi 5 Ntwarante 2015
Andressa Urach amaze ukwezi kurenga mu bitaro vy’i Sao Polo kubera ibikomere yatewe no kwibagisha igisusu kugira bikunde atsinde ihiganwa rya Miss Bum Bum 2015.
Uwo mukobwa ari mu bitaro vy’indembe aho i Sao Polo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Bresil. Andressa Urach w’imyaka 27, inyuma yo kwibagisha igisusu kugira abaganga bamufashe kibe kinini arushe abandi mw’ihiganwa rya Miss Bum Bum ry’umwaka w’i 2015.
Amaze kwibagisha, imitsi yiwe yo mw’itako yatanguye kubora maze haratoboka havamwo ibisebe. Ashobora gucibwa ukuguru kubera imitsi yo mu kuguru yamaze kujamwo indwara zotuma baguca.
- Itako ryiwe ririko rirabora
Andressa Urach wewe avuga ko naho ariko arababara yemera ko ikosa ari iryiwe, yizera Imana ko izohamukura. Avuga kandi ko yohitamwo kuba ikimuga hako yopfa, akabona ko rero vyanse ko akira bopfuma bamuca ukwo kuguru.
Mwomenya ko Andressa Urach ari umunyamideri akaba n’umumenyeshamakuru. Yaratsinze ihiganwa rya Miss Bum Bum rihuza abakobwa bafise ibisusu binini ryo mu mwaka w’i 2012, aho yamenyekanye cane kandi bikamwinjiriza amahera menshi.
Raba aha munsi uko vyagenze
Cherif Nkeshimana
Messages
5 Ntwarante 2015, 11:10, par murundi
Inyuma y’inyungu haza .........., ariko Imana turayigora yemwe
5 Ntwarante 2015, 17:08, par Marie Chantal ntaconungutse
Imana imuharire kuko yakoze ivyo atazi . Kurera ko yabaye intashima ku kuntu Imana yari yaramuremye, iyo niyo nyungu aronse. Abandi bari bafise uwo mugambi ugayitse bahakure icigwa. No mwibutsa ko yokwihana icaha ciwe kandi akatura kugira aze asinzirire mu biganza vy’Imana.
5 Ntwarante 2015, 18:09, par Jaffar
Niyihangane ugushaza ni ugushinyiriza
6 Ntwarante 2015, 14:22, par Djuma
ico nigihano c’imana yashaka gukosora imana uko yamuramye
6 Ntwarante 2015, 19:31, par anselme
ntamuntu ntumwe ashobora kwigana imana kurema
8 Ntwarante 2015, 18:15, par peter
Niyihangane,ariko nko mugihe yokwemera gukoresha produits zacu(flp international) ntacobuza atoroherwa.
10 Ntwarante 2015, 10:46, par MURUNDIKAZI
Ko mbona nubundi IMANA yari yaramuhaye igisusu kimeze neza yagomba iki se?
Abadafise nico si abantu? Ntakundi rero niyihangane, ariko kandi amenyeko umuntu aguma ari umuntu IMANA nayo IZOKWAMA ari IMANA, ntamuntu arema. Ntawushobora kugira ico yongera canke ngo akureko kuco IMANA yaremye.
10 Ntwarante 2015, 16:53, par ntiwihebure
Koma ka musosi! Vyoba n’ivyo. Ubu rero aributse ko Imana yomukiza kandi yashaka kuyereka ko ashoboye kuyivuguruza, ko yamuremye uko adakwiye kuba.
Azokira Imana ni nyene imbabazi, hanyuma azogire ico abwiye abandi. Erega mugabo n’izo nguma ziwe ziramugize umusitari. Nico yashaka ahubwo, none ko mbona yamenyekanye hose.