Accueil > Amakuru > Mu makungu > Brezil Yaroroheje Umuzigo w’Ideni, Ku Bihugu 12 vyo muri Afrika
Brezil Yaroroheje Umuzigo w’Ideni, Ku Bihugu 12 vyo muri Afrika
mardi 28 Rusama 2013
Leta y’igihugu ca Brezil, yatangaje ko ihanaguye canke ko igiye gusubiramwo gushasha ideni rigera ku miliyoni amajana icenda y’amadolari, ico gihugu gifitiwe n’ibihugu cumi na bibiri, vyo muri Afrika.
Iryo tangazo, ryaje mu gihe umukuru w’igihugu ca Brezil Dilma Rousseff, yari yitavye inama y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika i Addis Abeba, ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia.
Kworohereza amadeni, biri mu mugambi w’igihugu ca Brezil w’ugukomeza imigambi yerekeye iterambere nk’amabarabara, uburimyi, n’imigambi ijanye n’ivyerekeye imibano, mu karere ka Afrika.
Igihugu ca Brezil, ni kimwe mu bihugu bifise ubutunzi bukomeye cane kw’isi.
Joel Sengurebe