Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Brick na Lace bamaze gutandukana
Brick na Lace bamaze gutandukana
jeudi 21 Ruhuhuma 2013
Batanguye kuririmbana ari abakobwa batatu bavukana, umwe avamwo hasigara babiri bazwi kw’izina rya Brick and Lace, none nabo batangaje ko batazosubira kuririmbana.
Mu kiganiro NyandaThorboune, yari asanzwe azwi kw’izina rya Lace, yagiranye n’ikinyamakuru Jamaican Observer yamenyesheje ko n’ubwo ugutandukana n’umuvukanyi wiwe Nailah bimubabaje, igihe cari kigeze ngo batandukane umwe wese akore umuziki uko avyumva kandi abishaka narirya ngo n’ubwo bavukana hari ibintu vyinshi batabona kumwe.
Muri ico kiganiro yagize ati:”Igihe kirageze aho umwe wese muri twebwe aja ukwiwe akaraba uko gukora wenyene bimeze.
Ibi ni ibintu twempi twumva kandi twemweranyako. Tukiri kumwe hari vyinshi tutumvikanako neza.
Wasanga nshaka ko dukora cane umuziki uri mu mudiho wa Dancehall ,mugenzanje nawe ashaka ngo dukore uwa R & B .Si ivyo gusa hari n’ibindi vyinshi tutumva kimwe”.
Abo bakobwa baje no mu Rwanda bamenyekanye cane mu ndirimbo zitandukanye nka Love is Wicked ndetse baza no gusinya amasezerano yo gukorera mu nzu ya Convict Music y’igihangange Akon ari naho batereye imbere cane mu muziki ku rwego mpuzamakungu.
Ariko ngo n’aho batandukanye mu muziki, ntibizobuza aba bakobwa gufashanya mu buryo ubwo aribwo bwose nkabavukanyi.
Sylvere Bavumiragiye
Messages
21 Ruhuhuma 2013, 14:36, par Paterne
basi