Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bubanza : Abamenyeshamakuru babiri baritaba ubutungane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bubanza : Abamenyeshamakuru babiri baritaba ubutungane

Bubanza : Abamenyeshamakuru babiri baritaba ubutungane

lundi 21 Ndamukiza 2014

Abamenyeshamakuru babiri bakorera insamirizi Bonesha FM na RPA mu ntara ya Bubanza baritaba ubutungane kuri uno wa mbere igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2014.

Abo bamenyeshamakuru babiri aribo Alexis Nkeshimana akorera Bonesha FM, hamwe na Eloge Niyonzima akorera RPA (Radio Publique Africaine) bitwariwe n’uwurongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD muri ntara ya Bubanza abagiriza kuba baramwambitse ibara muvyo bashikirije ku vyerekeye ibivugwa ko imbonerakure z’i Bubanza zoba zarahawe ibirwanisho.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru catanzwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UBJ (Union Burundaise des Journalistes) ku munsi wa gatandatu, Alexandre Niyungeko yariyamirije yivuye inyuma iterabwoba ririko rikorerwa abamenyeshamakuru muri kino gihe. Akaba yasavye urwego rujejwe itangazamakuru CNC gukurikiranira hafi ico kibazo.

Tubibutse ko n’uwundi mumenyeshamakuru Alexis Nibasumba akorera Bonesha FM mu ntara ya Bururi mu Rumonge ariko araturatuzwa, ubu mbere akaba ari mu buhungiro, nawe nyene akagirizwa ko yatanze amakuru avuga ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD muri Rumonge rwahawe ibirwanisho.


Floxella Karire

Messages

  • Egooooooo,nibemange bareke kuza baranyegera umuntu weeeeeeeeeese az’ahor’avug’ivy’ashobora gusugura neeeeeeeeza,atakubivuga ngo ndahunze n’ubukehe buzotuma bita mukuvuga,baca biruka gusab’ubuhungiro ngo barabe ko bo tuburura,erega Visa ntizoroshe,bozironka m’uburyo bundi gute?ngw’abanyakibi bahunga atakibirukanye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.