IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bubanza:Abarimyi b’umuceri bagiye kwivuza bitabagoye

Bubanza:Abarimyi b’umuceri bagiye kwivuza bitabagoye

dimanche 6 Nzero 2013

Ingo 450 zaronkejwe amakarata yo kwivurizako muri komine Gihanga n’ishirahamwe ‘’Bwiza bwa Ninga’’. Abazirokejwe bariruhutsa kuko bagiye kwivuza bitabagoye.

Ku ngo canke imiryango 750 zigize ishirahamwe ry’abarimyi b’umuceri ‘’Bwiza bwa Ninga’’ i Gihanga mu ntara ya Bubanza ,ingo 450 nizo zaronkejwe amakarata yo kwivurizako ,ivyo rero iryo shirahamwe rikaba ribikoze inyuma yaho abanywanyi baryo bashika 17 bitabiye Imana kubera ubukene mukubura amafaranga yo kwivuza mu mwaka wa 2012.

Mw’ijambo ryiwe uwurongoye iryo shirahamwe yasavye abanywanyi kongereza inguvu bagakora kugira umwimbu wiyongere gutyo izo ngo zose zironswe ayo ma karata bitarenze uyumwaka wa 2013 kuneza y’amagara y’abanyeshirahamwe n’iterambere ry’igihugu.

Musitanteri wa komine Gihanga Ntirandekura Bonaventure yarashimye ico gikorwa c’iryo shirahamwe ry’itaho amagara y’abanywanyi baryo,aca asaba ko ayandi mashirahamwe angana n’amajana 8 ari ku mitumba yose igize komine Gihanga ko yofatira akarorero kuri ‘’Bwiza bwa Ninga’’ mukwitaho amagara y’abanyeshirahamwe.

Bonaventure Ntirandekura aramutswa komine Gihanga yaboneyeho akaryo ko guhanura abari ngaho guheba kunywa inzoga zitemewe n’amategeko nka kanyanga ,rutuku niyo bita ikibarube ngo zigwiriye muri ako karere kandi ngo zibangamiye amagara y’abantu. Uyo arongoye iyo komine mbere yaragabishije abakuru b’i mitumba bakingira ikibaba abenga izo nzoga mbere acayemeza ko uwuzobikora azoca abogozwa mu mabanga yiwe.


Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.