IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bubanza : Amazu 330 niyo yasambuwe n’imvura mu munsi umwe

Bubanza : Amazu 330 niyo yasambuwe n’imvura mu munsi umwe

mardi 7 Nzero 2014

Imvura yaguye ku munsi w’Imana yarononye ibitari bike, na cane cane mu ntara ya Bubanza aho yatikije amazu agera ku 330, n’abana bakomeretse.

Ku mizosi itandatu igize intara ya Bubanza iri mu burengero bw’igihugu, amazu agera ku 330 niyo yasenyuwe n’imvura yarimwo umuyaga mwinshi yaguye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 5 Nzero 2014.
Amakuru ava muri iyo ntara akamenyesha ko abantu batari bake babuze ayo bacira nayo bamira kubw’ibintu vyabo vyahatikiriye.

Inyuma y’amazu 330 yasenyutse, harabomotse n’amashengero agera kuri atanu hamwe n’ayandi masomero ashika kuri ane yobomowe n’iyo mvura. Iyo mvura kandi ivanze n’igihuhusi ikaba yaranakomerekeje n’abana bagera kuri batandatu hamwe, n’imirima yahononekariye.

Buramatari w’intara ya Bubanza, Anselme Nyandwi akaba yasavye ubushikiranganji bwo gushigikiranira busanzwe bugarukira ku bahuye n’ingorane ko bwogarukira kuri abo bashikiwe n’amakuba, mu kubaronsa ibisakazo hamwe n’ivyo bafungura.

Mwomenyako ko iyo mvura yaguye ku munsi w’Imana igahitana ibitari bike, yaguye ikiringo c’isaha yose


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.