IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bubanza : igipolisi cafashe abasuma 7 bitwaje inkoho

Bubanza : igipolisi cafashe abasuma 7 bitwaje inkoho

samedi 1er Kigarama 2012

Umugwi w’abasuma 7 bibisha inkoho barafashwe n’igipolisi mu ntara ya Bubanza kuri uyu wa gatanu. Bari bahejeje kwiba umudandaza basiga bamukubise baramukomeretsa.

Umugwi w’abasuma bitwaje inkoho bagiye kwiba ku musozi Karimvya komine n’intara ya Bubanza mw’ijoro ry’uwa kane rishira uwa gatanu. Bsize bivye umudandaza w’umugore baca baramukibita baramukomeretsa. Ababanyi baratabaye hakiri kare ariko basanze abo basuma bamaze guhunga. Bamwivye amafaranga arenga ibihumbi amajana abiri.
Igiploisi caciye gitangura gukizura gifadikanije n’abanyagihugu.

Abantu 7 bikekwa bamaze gufatwa, muri bo harimwo umwarimu wo kw’ishure ritoya ry’ahitwa Karinzi muri komine n’intara ya Bubanza. Harimwo kandi umunyeshure umwe wo kw’ishure ryisumbuye rya komine, abandi nabo abanyagihugu bavuga ko ari urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Igipolisi kirashimira abanyagihugu kuko batabaje hakiri kare kandi bagafasha kurondera izo nkozi z’ikibi. N’abanyagihugu barashimira abapolisi bakoranye ubukerebutsi ariko basaba ko abo basuma bafashwe bohanwa hisunzwe amategeko, ntibakingirwe ikibaba kuko begamiye umugambwe uri ku butegetsi.

Abajejwe intwaro basaba abanyagihugu gutabarabana igihe cose hagize uwuterwa n’abagizi ba nabi.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.