IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bubanza: USAID yatanze imfashanyo igenewe gutuza gufungura nabi

Bubanza: USAID yatanze imfashanyo igenewe gutuza gufungura nabi

vendredi 30 Myandagaro 2013

Ikigo ca Leta zunzubumwe za Amerika kijejwe iterambere kw’isi USAID, cafashishije abanyagihugu b’i Buringa muri komine ya Gihanga imfashanyo igizwe n’amatoni 240 y’imfungurwa abana bafungura nabi.

Muri ivyo vyokurwanya ugufungura nabi ku bana, ishirahamwe ryitaho ineza y’abana UNICEF ritegekanya kuzokoresha amadolari y’Amerika angana imiriyoni zibiri kugira bavure abana bagera ku bihumbi 30 barwaye ugufungura nabi mu ntara zishika kuri 17 z’Uburundi.

Izo mfungurwa zahawe abanyagihugu b’i Buringa zigizwe na plumpy nut, iyo mfungurwa ikaba imeze nk ’ubugari bw’ibiyoba bufise ingaburo nyishi cane kandi ntibikenerwa guteka canke gukanyishwa imbere yo kubirya. Kubwa Dawn Liberi uwuserukira Leta zunzubumwe z’Amerika mu Burundi, iyo mfashanyo ikaba yerekana intererano y ‘igihugu ca Amerika mu kurwanya gufungura nabi. Abona ko gufungura nabi ikiri intambamyi mw’iterambere ry ‘Uburundi. Mu bisanzwe abana bafungura nabi bagira amanota mabi mu mashure, umubiri ntusubira kwiRwanirira ndetse no gupfa bashobora gupfa.

Umupfasoni Liberi yamenyesheje ko mu migambi mishasha bafise, ishirahamwe USAID ritegekanya gufasha mu ntumbero y ‘umugambi mukuru w’igihugu wo kurwanya gufungura nabi. Kubwo uwurongoye Unicef mu burundi, Johannes Wedenig ,imfungurwa zivura ugufungura nabi, bariraho ubwo nyene batarinze guteka bituma barwanya ugufungura nabi ku bana b‘ imyaka 5, basanzwe ndetse aribo bafatwa n’indwara zo gufungura kurusha abandi kuko abo bana bazobavurira muhira.
Ku bwiwe, akamaro k‘ izo mfungurwa karerekanywe mu Burundi kuko bituma bakiza abana ibihumbi n’ibihumbi buri mwaka. Bica bituma abo bana babaho bakongera bagatera imbere.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw‘ amagara y‘abantu, Dionis Nizigiyimana, amenyesha ko igihugu c’uburundi cashimye iyo mfashanyo.
Ku bwiwe, iyo mfashanyo ikaba ishingira intahe imigenderanire myiza isanzwe iri hagati y ‘Uburundi na Leta zunzubumwe z’Amerika, ku ruhande rumwe, uruhande rundi imigenderanire myiza ku banyagihugu bava muri ivyo bihugu uko ari bibiri.
Iyo mfashanyo ikaba ari ngirakamaro kuko izofasha mu kugabanya gufungura nabi aho bifata ibice 6 kw ‘ijana vy ‘abana b ‘abarundi bari musi y ‘imyaka 5 nk ‘uko yavuze.Yaciye atumirira ishirahamwe USAID hamwe n’abafasha bose mu gihugu ko bogwiza imfashanyo muri co gisata.

Buramatari w’intara ya Bubanza, Anselme Nyandwi yashimikiye ko intara ya Bubanza ari intara yimbura cane mu gihugu. Agasaba ko bobashigikira cane mu guhindura ingendo mu vyerekeye gufungura.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.