Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bugarama : Abanyagihugu bafise amakenga ko bashobora kwinjiranwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Bugarama : Abanyagihugu bafise amakenga ko bashobora kwinjiranwa (...)

Bugarama : Abanyagihugu bafise amakenga ko bashobora kwinjiranwa n’inzara

lundi 27 Gitugutu 2014

Imvura imaze iminsi irwa ari nyinshi muri komine Nyabitsinda intara ya Ruyigi yarabomoye amazu arenga mirongo itanu, umuntu umwe arakomereka, hamwe n’inka yapfuye. Muri komine Bugarama y’intara ya Muramvya, abanyagihugu batabaza abagira neza, kuko bashobora guterwa na kigoyi kubera imvura yatwaye ibiterwa vyabo.

Kuva ku munsi wa gatanu w’indwi twaraye dusozereye, imvura irwa ari nyinshi mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi, igasiga yononye ibintu bitari bike. Muri komine Nyabitsinda na Kinyinya z’intara ya Ruyigi, iyo mvura yabomoye amazu agera kuri mirongo itanu, umuntu umwe arakomereka, inka imwe n’ibindi bitungwa bihasiga ubuzima, hamwe n’imirima yahononekariye.

Muri komine Bugarama y’intara ya Muramvya, imvura yaguye ku munsi wa gatandatu yagiye itwaye ibiterwa bigizwe n’imboga hamwe n’ibiraya. Abanyagihugu bo muri iyo komine bafise amakenga ko bashobora guterwa n’inzara, bagasaba abagira neza ko bobaha imfashanyo yoba igizwe n’imfungurwa hamwe n’imbuto zirobanuye.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.