Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bugarama : Umugambi w’ishure nshingiro utanguye abagisha badakwiriye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bugarama : Umugambi w’ishure nshingiro utanguye abagisha badakwiriye

Bugarama : Umugambi w’ishure nshingiro utanguye abagisha badakwiriye

jeudi 19 Nyakanga 2013

Mu gihe umwaka w’ishure 2013 ushira 2014 uja waratanguye, ibijanye n’inyigisho z’ishure nshingiro biracafise utugorane tutari duke, naho abayobozi b’indero bo bemeza ko ari ingorane zisanzwe.

Muri komine ya Bugarama iri mu ntara ya Bujumbura, umuyobozi w’indero muri komine Jean Marie Nduwimana, amenyesha ko umwaka w’ishure watanguye neza, kandi ko n’umugambi mushasha w’ishure nshingiro, atangorane abona urimwo. Amenyesha ko muri komine ya Bugarama hamenye abana 688 ku bana 826 bari bakoze ikibazo kibaha uburenganzira bw’ukubandanya mu gice c’ishure nshingiro ( umwaka w’indwi).

Umuyobozi w’indero muri komine ya Bugarama, akaba yatumenyesheje ko ibitabu vy’umwigisha vyamaze kuboneka, ariko atabitabu vy’abanyeshure bafise, iyindi ngorane nyamukuru n’iy’abigisha. Mu gihe ku bigisha 28 igisata c’indero muri iyo komine gikeneye, bafise 14 gusa, ndetse Ndayishimiye Jean Marie akaba asaba ubushikiranganji bw’indero kubaronsa abo 14 babuze. Ibirasi bikenewe muri iyo komine biriho, ariko bimwe ntibigira intege, ibibaho, imiryango, n’ibindi. Ndetse ubu abana bamwe bakaba babaye barasabira ibirasi hamwe hamwe, mu ntumbero yo kurindira ko ibirasi bigenewe ishure nshingiro biboneka.

Umuyobozi w’indero muri komine ya Bugarama, akaba amenyesha ko uyo mugambi w’ishure nshingiro ari mwiza, ariko ko ivyankenerwa bikwiye gushika kare kugira uyo mugambi ubandanye neza, narirya uyo mugambi uzofasha abana kwitunganiriza bo nyene imigambbi yabo y’iterambere. Akaba ndetse ahamagarira abarundi gukunda uyo mugambi, kuko uzotuma ibitigiri vy’ urwaruka rubura ubuzi rugabanuka.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.