Accueil > Amakuru > Poritike > Bugendana : Yakuwe mu kazi ko gupima inyama azira umugambwe (...)
Bugendana : Yakuwe mu kazi ko gupima inyama azira umugambwe arimwo
jeudi 2 Gitugutu 2014
Abanywanyi b’umugambwe MSD mu ntara ya Gitega bavuga ko batabona uburyo bagiye kubaho, mu gihe baturatuzwa ndetse bagateshwa n’ubuzi basanzwe bakora, bazira ko batari mu mugambwe CNDD FDD.
Monique Nzeyimana ni umunyagihugu wo muri komine ya Bugendana avuga ko yakuwe mu kazi ko gupima inyama azira ko atari mu mugambwe CNDD FDD. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, uwo mupfasoni avuga ko yahunze umuhana wiwe, inyuma y’aho igiporisi kije kumufata, gitumwe na musitanteri w’iyo komine, inyuma y’aho uwo mupfasoni yankiye gutanga ikashe y’aho yakora akazi ko gupima inyama. Nzeyimana Monique akavuga ko yatumweko incuro nyinshi kugira yinjire mu mugambwe CNDD FDD, ariko aranka, akavuga ko arico catumye ndetse aturatuzwa, gushika n’aho afata ingingo yo guhunga umuhana wiwe, agata umwana wiwe akiri muto.
- Monique Nzeyimana
Aremeza ko ikurwa ryiwe ryizwe mu nama mpanuzwajambo ya komine Bugendana, iyo nayo ikaba irongowe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri. Nzeyimana akavuga ko ibivugwa ko yakuwe kuko atigiye ivyo gupima inyama bitagira ishingiro, kuko avuga ko amaze imyaka itanu ariko akora ako kazi, ahubwo akaba azira umugambwe MSD asanzwe arimwo. Yemeza ko amaze iminsi agirwako iterabwoba n’intumwa za musitanteri wa komine ya Bugendana.
Aristide Nizigire
Messages
2 Gitugutu 2014, 11:07, par BWARIKINDI
NIBAKWUMVIRIZE ABO URIKO URAVUGIRA BARABE KOBOGUHA ICUKORA...URASHAKA AKAZI KWELI !!!NGIR UR IGITANGAZA CNDD FDD KW IRINDA IKWIRUKAKO NGO UYINJIREMWO URAGAKOMEYE.Hihihihihi !!!
2 Gitugutu 2014, 11:53, par kabizi
None ko nawe wiyemerera ko ivyo ukora utavyize ayo maruru nayiki?ivyo ubesha navyo ngo barakurondera none wewe ufise amajwi abiri mu matora??Gend MSD ikaguhe!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
2 Gitugutu 2014, 14:26, par CIZA
none da kabizi na bwarikindi mwokwemezako atamuntu ahirwa kandi arumwe ngo ahemuke yinjiye muri cndd-fdd?UMUNTU UMWE WIMBONEZA agira benshi inyuma yiw bisigurako ataba agiharurwako ijwi rimwe.Gukugwa mukazi naho ngwagende msd ikamuhe nukuri ntiwiyumviriye,burya icatumye cnddfdd ibaho nuko hari akarenganyo nkako aho umuntu wese yakubitirwa rwinjira muri UPORONA.UNOMUSI NIWE AGAKUWEMWO AZIRA UMUGAMBWE N’IVYIYUMVIRO VYIWE EJO NI WEWE.
BURIYA WIBAZAKO HARICO URUSHIJE RADJABU, MANASSE,MPAWENAYO,NZOMUKUNDA,KAMPAYANO,Mjr J.P NDUWIMANA,...,?Abo urazi ubuzi bari bafise?Urazi icobari muri CNDDFDD?naw rindira uzobona.
4 Gitugutu 2014, 14:45, par RUZOBAVAKO
YOO!!!!!!!!!!!!NDABATWEZE UYUMUGORE NIBA IVYAVUGAARIVYO AKAZI ARONKA AKANDI KUKU MUSWI WINKOKO UDAKUKURA KUBWI MPUHWE ZAGACA NAYOWEWE UVUZ;UKO URIKWISI MUPFIKI? NONE IYI TANU YAYIKOZE BIGENZEGUTEGA?UWAKAMUHAYE KWATARI YARAVYIZE NINDE?NTIYAKUNDA ABANYAGIHUGU? NONE BARARETSE AMAGARA YABANYAGIHUGU ARONONEKARA IMYAKA 5 NDATANGAYE!!NONETWEBWE ANYAGIHUGU TUZOCURUBANZA NTIMUZE MUTANGARE KUGWARA UKAGERAKURE NTIBIVUGA NGUBUH WEREYE WAKWIYE KUBABARA KOHARUMUNYAGIHUGU YATSWE AKAZI HUKUMUBWIRA GURTYO NONE KUNDAMUGENZAWE NKUKO WIKUNDA UBUNIWEWE NAWE NIWEWE.