Accueil > Diaspora > Bujumbura : Abafasha Uburundi baremeye kwitaba inama
Bujumbura : Abafasha Uburundi baremeye kwitaba inama
mardi 11 Ruheshi 2013
Icegera ca Kabiri c’umukuru w’igihigu c’Uburundi nyakubahwa Gerevazi Rufyikiri yaraganutse ava mu gihugu ca Leta zunzubumwe za Amerika ku mugoroba w’uyu w’Imana igenekerezo rya 9 Ruheshi 2013, mu rugendo rw’akazi mu bisagara vya Washington na New York aho bariko bavugana n’abemeye gufasha Uburundi muri ya nama y’i Génève.
Nk’uko Rufyikiri abivuga, ngo mu nama bari bagiranye n’abadufasha, bari bemeranije ko hoza haraba inama zihuza ibice bimwe bimwe vy’abemeye gufasha. Muri urwo rugendo kandi, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yavuze ko yari yagiye gutumira abemeye gufasha Uburundi bo mu bisagara vya Washington na New York gushobora kwitaba inama ya mbere y’abadufasha izobera mu gisagara ca Bujumbura ku magenekerezo ya 15 na 16 Mukakaro muri uyu mwaka, iyakabiri nayo ikazoba mu kwezi kwa Gitugutu uyu mwaka nyene.
Nyakubahwa Rufyiki amenyesha ko urugendo rwiwe rwashitse ku kintu gikomeye kuko avuga ko abanyamerika banezerewe rwose n’urugendo rwiwe muri ico gihugu, ndetse akaba yabandanije avuga ko abo yaroye gutumira bemeye kuza muri iyo nama yo muri Mukakaro. Abandanya avuga kandi ko baronse umwanya wo gusigura aho ibikorwa vyo guteza imbere igihugu bigeze, haba mu bikorwa vy’iterambere, muri politike na cane cane ko hamaze kuba amanama ahuza imigambwe yose yemewe n’amategeko eka kandi no mubijanye n’itegurwa ry’amatora yo mu 2015. Abandanya asigura ko ibiyago hagati y’abanyepolitike bizobandanya eka kandi abafasha bakaba baremeye kuzobandanya bashigikira igihugu.
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri ntiyibagiye kandi kuvuga ku bijanye n’imigambi igihugu gifise y’ukurwanya ubukene, aho rero Rufyikiri avuga ko umwete igihugu kiriko kirakoresha mu kurwanya ubukene hamwe n’imfafashanyo abadufasha bemeye gutanga bizogira ico bishitseko mu gutuza ubukene mu gihgu. Abandanya atumira abafasha Uburundi guhozako kugire imigambi igihugu ciyemeje gukora itere imbere.
Aristide Nizigire