IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imiduga ya OTRACO ntaco ifasha abanyagihugu biyunguruza i Bujumbura

Imiduga ya OTRACO ntaco ifasha abanyagihugu biyunguruza i Bujumbura

mercredi 25 Nyakanga 2013

Abanyagihugu baba mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, ntibasiba kwidoga bavuga ko bababazwa n’ingorame baterwa n’imodoka zibunguruza. Abanyagihugu bava mu makaratiye ya Kamenge, Mutakura, Cibitoke na Kinama bavuga ko kugira bashobore gushika ku mirimo yabo, bategerezwa gufata imodoka zunguruza abantu (bus) minsi yose mu gatondo.

Abo banyagihugu bavuga ko bibagora gushika ku mirimo yabo kuko bahura n’ingorane zitandukanye harimwo imiduga ica kuyindi mu rudubi, Izo modoka zunguruza abantu iyo zihagaze kugira zishobore kwunguruza abantu, muri komine ya Kamenge ho ni ibindi, kuko uwudashoboye kwurira aciye mu madirisha y’umuduga ataronka ukwo yiyunguruza, kuko atakibanza aronka mu muduga. Ivyo rero bishikira abanyagihugu baba mu Kamenge co kimwe n’abandi bose baba mu micungararo ya komine Kamenge.

Aho abanyagihugu bategerera imiduga bita kuri Terminus ho ni ibindi kuko ico kibanza cuzuye abategereye imiduga, mu gihe n’imiduga iza, usanga ica ihitana abanyeshure baja ku mashure baba bariyandikishije, ko bazoza baratwarwa n’iyo miduga. Ibihe rero vy’ibura ry’imiduga yunguruza abantu ryibonekeza cane mu gihe abanyeshure baba biga. Imiduga rero igenewe gutwara abantu bandi, kenshi uca usanga itwara abanyeshure kuko usanga kenshi aribo bayikose. Iyindi ngorane ni ukwo kuva iyo abanyeshure bagabanutse mu nzira, abasigaye n’ubundi batoroherwa.

Aha bavuga nko kuva igihe c’isaha imwe n’igice gushika igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo ine. Muri ico gihe, imiduga ntihagarara ku bituro bizwi kugira ishobore guhitana abantu bayirindiriye, kuko igituro cose haba hari umuntu atoza amafaranga umuduga wose wunguruza abantu. Kugira rero abo banyonga iyo miduga ntibashore kuriha ayo mafaranga, baca baja barahagarara ahatagira ibituro. Abanyagihugu baba bategereye iyo miduga kuri ivyo bituro bizwi baraheza bakagira ibirometero n’ibirometero n’amaguru, kugira bashobore kuronka ukwo bashika ku mirimo yabo.

Muri iyo komine ya Kamenge rero mu gihe c’agatondo abanyagihugu bagira ingorane y’uruja n’uruza. Iyo bagize Imana bakaronka umududa, ugiye kwurira, uja ubona ikinga canke ipikipiki navyo bikugonze, canke ukagira Imana ntibikugonge. Abanyagihugu rero bo muri iyo micungararo bakaba basaba ko imiduga yo muri Otraco yoza irarungikwa muri ayo masaha, igafasha kwunguruza abo banyagihugu, kugira ingorane z’ukubura imiduga mu gisagara ca Bujumbura zigabanuke.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.