Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Abapolisi bariko baragabanya gukoresha inguvu mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abapolisi bariko baragabanya gukoresha inguvu mu (...)

Bujumbura : Abapolisi bariko baragabanya gukoresha inguvu mu banyagihugu

mardi 21 Rusama 2013

Kuva aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye igatokommbera, abadandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura haba abadandariza imbere mw’isoko ibibtu bitandukanye canke inyuma y’isoko, ubu bose baciye bafata amwe mu mabarabara atandukanye y’igisagara ca Bujumbura.

Nk’akarorero, ibarabara ridugana Onatel rikabandanya gushika kuri Plaza ubu niho twovuga ko isoko nkuru ya Bujumbura ya kera yimukiye kuko amasaha yo ku mugoroba ageze abadandaza batandukanye baca bafata iryo barabara.

Iryo bararabara rigabura isoko nkuru ya Bujumbura ya kera na plaza ubu hadandarizwa ibintu vyose bikenerwa mu buzima n’abanyagisagara. Haradandarizwa ibirato vy’ubwoko bwose, ibifungurwa vy’ubwoko butandukanye nk’indagala, imboga, ibijumbu, amateke, igitoke n’ibindi, ndetse n’impuzu n’ibintu vy’utugenegene aha twovuga nk’ibiseke n’ibindi bisharizo vyo mumazu.

Kubera ko iryo barabara ryuzuye ibidandazwa bitandukanye, riragoye gucamwo abihuta canke abariko baraja gufata amabisi aja mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, kuko hari uruja n’uruza rudasanzwe, bura abasuma, abadandaza bikoreye ku mutwe, abarengana n’abandi batandukanye.

Ejo ku munsi wa mbere igenekerezo rya 20 Rusama 2013 nk’igihe c’isaha imwe ibura iminota cumu n’itanu, abapolisi barasavye abo badandariza aho ko bokwanura ibintu vyabo kuko ico kibanza kitagenewe kudandarizwamwo.

Nk’uko twavyiboneye, abapolisi bariko bararangura ico gikorwa bagikoze mu bwitonzi ntangere kuko atanguvu bakoresheje canke ngo basese ibintu vy’abo badandaza nk’uko vyahora bimeze, ndetse n’abadandariza muri iryo barabara barashimishijwe n’uburyo abapolisi b’igihugu bakoresheje mu gusaba kwanura ibintu vy’abo atanguvu, ndetse atankoni bakoresheje.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.