Accueil > Ubutunzi > Bujumbura : Abarovyi n’abasumyi bose basangiye umunezero
Bujumbura : Abarovyi n’abasumyi bose basangiye umunezero
vendredi 7 Ntwarante 2014
Inyuma y’iminsi itari mike abadandaza amafi barirukanywe mw’isoko yo mu kinindo n’abarongoye iyo soko, bavuga ko basubiranyeyo imigisha, mu gihe urudandazwa rwabo, ruriko rugenda neza, bakaba bafise n’ivyo badandaza ku bwinshi.
Bamenyesha ko muri iyi minsi baronka ababashorera, ku buryo ifi ari nyinshi muri iyi, ndetse n’abasumyi bakavuga ko batidoga. Agatunga kariko umufungo w’amafi atandatu matomato, kagurwa amafaranga ibihumbi bitanu, nayo umufungo w’ifi indwi zigereranye ukagurwa amafaranga ibihumbi cumi, ifi zinini indwi zigurwa ibihumbi 20, hakaba n’umufungo w’amafaranga ibihumbi 35.
Abasumyi n’abadandaji bavuga ko imboga ziboneka mu gihe ikiyaga kiba cuguruwe, ifi nazo zigaheza zikitaba abarovyi. Iyo ikiyaga Tanganyika naho cugawe, abasumyi n’abadandaza bavuga ko bose baba baburiye hamwe. Bamwe babura akaboga, abandi nabo bakabura amafaranga abatungira umuryango. Tukabamenyesha ko iki gihe ari ciza no mu masoko atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, aho ifi ziboneka ku bwinshi.
Aristide Nizigire
Messages
7 Ntwarante 2014, 13:34, par Gicocoro
Nuko muzirye muga nazo zizobarya kko mw’Ijambo ry’Imana hatubwirako dukwiye gusubira kunfugurwa zambere Imana yari yahaye Adamu na Eva ngo bibabere infugurwa,murizo umu keke ntiwarimwo.