Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abazogira urugendo rw’amahoro ntibabwiwe ibizoba vyanditswe ku (...)
Bujumbura : Abazogira urugendo rw’amahoro ntibabwiwe ibizoba vyanditswe ku vyapa
vendredi 27 Ruhuhuma 2015, par
Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Juma Saidi yatumyeko urugendo rw’amahoro ruzoba kuri uwu wa gatandatu mu gihugu cose. Juma Saidi amenyesha ko atari igikorwa ca poritike, ariko bamwe mubari batumiwe mu nama y’ugutegura urwo rugendo bakaba bafise amakenga kuko batabwiwe ikizoba canditse ku vyapa bazoba bafise.
Urwo rugendo ruzoba mu gihugu cose kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2015 rwitiriwe urw’amahoro. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Saidi ahamagarira abanyamigambwe kubera bafise abanywanyi, abafise amashirahamwe atandukanye kuko basanzwe bafise ababayoboka, abafise amadini atandukanye, baze gushigikira urwo rugendo rw’amahoro.
- Juma Saidi, umukuru w’igisagara ca Bujumbura
Juma Saidi amenyesha ko urwo rugendo atari urwa poritike, kuko amahoro ata dini afise, amahoro nta mugambwe afise, ni ay’abarundi bose n’abanyamahanga bose baba mu Burundi. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura asaba abazoza muri urwo rugendo kutazoba bambaye impuzu z’imigambwe.
Mu gisagara ca Bujumbura, urwo rugendo ruzotangura inyuma y’ibikorwa rusangi, rukazohera kuri "Rond point des Nations Unies", haruguru y’isoko mfatakibanza ya COTEBU, rushike ahitiriwe ikibanza c’ukwikukira.
Ariko rero, bamwe mubari bagiye mu nama y’ugutegura urwo rugendo bakaba bafise amakenga, kuko batabwiwe ibizoba vyanditswe ku vyapa bazoba bahawe muri urwo rugendo. Babwiwe ko bazobimenya uwo munsi nyene w’urugendo.
Egide Nduwimana
Messages
27 Ruhuhuma 2015, 10:31, par kiki
hahahahahahah;! muzobimenyeshwa muhashite. mbe ndabibarize, bavuze urugendo gwa mahoro ko bidasiguritse? uwufise inyishu anyishure,
1. Nukuyasaba?
2 Nukuyashigikira?
3 Nukuyarondera?
4 Nukuyagwanira?
5 Nukuyaharanira?
TOMORA
27 Ruhuhuma 2015, 12:21, par mukobwajana
HARIMWO AMAKENGA KUKI ATA CIVUGO??KUKI KO ATARI UMUSI USANZWE UZWI KO ARI UWA MAHORO NKA LE 8 MARS NIYINDI MISI????UBWO SI UKURABA ABASHIGIKIRA DD NA PETER ???BIRASUSA ,BIGASA NTA KIBUZA.!!!!!.BAZODUHA UMUCERI,IBITENGE NGO TUZOZE KO TUZI ARIVYO ARIKO ARATANGA KO AZI TURI MU BUKENE BUKENGERETSE????TUZIGUMYA NTA GUTA UMWANYA,!!!!!ZANA ABABIKIRA,ISOKO NKURU,ABA FNL GATUMBA...REKA KUDUKORA MU NKOVU HAGARIKA IMBONERA NA FDL MU KIBIRA NA CIBITOKE...
27 Ruhuhuma 2015, 13:04, par gisabo
eh,mugomba mugereranye abazoza n’abiyamirije agacinyizo igihe BOB yarekurwa?hihihihihi.murahumba ibintu bizotegurwa na reta ikingira ABICANYI,muzobona abobakingira ubuzi bwabo.ntamunyagihugu muzobona!!ewe juma urigorewe kuko NKURU azoca agukura kuko wamumaramaje ubugira kandi wibagiye ibiheruka ngo mwiyamirije ivyo mucibitoke?ntacirwa vyaguhaye?
27 Ruhuhuma 2015, 14:01, par Jambo
Uru rugendo ntigwumvikana,amahoro kandi hari ubukene? reka turindire turabe uko bizogenda.
27 Ruhuhuma 2015, 17:33, par Nuwera
Tuzorwitabira urwo rugendo cane hose.
27 Ruhuhuma 2015, 21:43, par urikijuju pe
Gerageza mutumeko aba DDDD none ntibabumvira abearibo mugiranugorugendo nimwemufisamahoro mwirigwa mutwichirabantu hama ngodufisamaho kanda mahoro abamunda muragenda mwirigwe murayerera mwemuhaze izarairimukutwicha. Gwayomahoro nayahe jahariya mwabuzivyomukora. Abarundi mwaratubonye koturibijuju gwamahoro muribijuju kweri reka kuduteshumutwe ntimuzemwibagire guhitana babashinwa mugiramugabiri kibaza chahahozisoko nkuru abantudutubitse birikobiragaragara ko Reta kwariyoyaturiye iyosoko kugira bizoborohere kuhagurisha ariko ichotwobamenyesha. Umushinwa azozanabi muzozakutwicha twirahiye bakeyamuribo gwamahoro heheheehhe abarunditwaragowe.
27 Ruhuhuma 2015, 22:46, par mukobwajana
EWE NUWERA NA BANDI BA DD MURARUSHE TUZORABA!!!UBU WANDIKA DUKE WABUZE ICO UVUGA NKA KABURUNGU !!NIMURYE NUTWO BASHA!ADOLPHA ARABABONA !!!!
28 Ruhuhuma 2015, 00:21, par SOCRATE
c’est la wie.amahoro ashikirwa n’ibikorwa ntashigkirwa n’imyiyerekano.wait and see."MANA, uzuhabe"!