Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Amafaranga y’agaciro aduga ku murindi uteye ubwoba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Bujumbura : Amafaranga y’agaciro aduga ku murindi uteye ubwoba

Bujumbura : Amafaranga y’agaciro aduga ku murindi uteye ubwoba

jeudi 21 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubukene bw’amafaranga y’agaciro bubandanya kwibonekeza mu Burundi. Abadandaza bakavuga ko basigaye barindira amezi arenga atanu batararonswa ayo mafaranga, mu gihe baba bakeneye kuja kurangura.

Ibanki nkuru y’igihugu isigura ko ikena ry’ayo mafaranga riterwa n’iguhuhusi mu vy’ubutunzi cashikiriye n’ibindi bihugu.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM akaba n’umuhinga mu vyerekeye ubutunzi, Faustin Ndikumana amenyesha ko umuti nyamukuru ari ugukura Uburundi mu ndyane za politike burimwo. Asigura ko izo ngorane zituma igihugu kidashobora kwaka amadeni n’ukuronswa imfashanyo mu mafaranga y’agaciro.

Ku mazu yo kuvunjiramwo mu gisagara ca Bujumbura, ku biciro vy’ibanki nkuru y’igihugu, idorare rimwe vyanditswe ko rigurwa hagati y’amafaranga y’Amarundi 1660 n’i1665, rikagurishwa hagati y’1665 n’1670. Yamara ku bafise ayo mafaranga bayagurisha canke abakeneye kuyagura, suko bigenda. Idorare riri hagati y’2650 n’2660 kuwugurisha, hamwe n’2700 kuwugura.

Ifaranga ry’abanyaburaya « euro » risanzwe ritanaboneka ahatari hake, n’aho ribonetse rikagurwa 2800, rigaheza rikagurishwa 2900.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.