Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Amaraso niyo ari imbere y’ingoro 3 za CNDD-FDD - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bujumbura : Amaraso niyo ari imbere y’ingoro 3 za CNDD-FDD

Bujumbura : Amaraso niyo ari imbere y’ingoro 3 za CNDD-FDD

mardi 8 Gitugutu 2013

Abagumyabanga ba CNDD-FDD bo mu makomine ya Ngagara, Kinindo na Nyakabiga bikanguye basanga amaraso ariyo atemba imbere y’ingoro z’umugambwe wabo, aho ndetse muri komine ya Ngagara ho ibendera rya CNDD-FDD ryaturiwe.

JPEG - 3.1 Mo
Ibendera ry’umugambwe CNDD-FDD ryaratabuwe, bongera baricapako umusaraba

Abakoze ivyo rero bikaba biboneka ko bafashe umwanya ukwiriye, kuko bisa n’ukwo boba bahereye muri komine ya Ngagara, aho ibendera ry’uyo mugambwe ryaturiwe, bakaba cane cane baturiye ibimenyetso biranga uyo mugambwe harimwo inkona, bahejeje baca baturira iruhande y’ivyo bimenyetso, bacapa ko ikimenyetso c’umusaraba.

Ku bw’abarongoye umugambwe CNDD-FDD muri ayo makomine, bose bakaba biyamiriza ivyaraye bikozwe, aho bamwe basa n’abavyagiriza abo batavuga rumwe muri politike. Basaba inyamiramabi ko zogira amatohoza, kuko kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga, amabendera 16 y’umugambwe CNDD-FDD yaribwe mu gisagara ca Bujumbura, ababikoze bakaba n’ubu batafashwe. Kuva rero ayo mabendera 16 yibwe, abagumyabanga bo mu gisagara ca Bujumbura, bakaba baciyebafata ingingo yo kuza baramanura amabendera y’umugambwe wabo.

Gaspard Nimubona arongoye umugambwe CNDD-FDD muri komine ya Ngagara, avuga ko abakora ivyo ari abatinya amatora yo mu mwaka w’2015, canke abipfuza ko yogenda nabi. Ari naco gituma ahamagarira abari mu migambwe yose kwubahirizanya, na cane cane abo muri komine ya Ngagara, kuko iyo ngendo mbi itari imenyerewe muri iyo komine asanzwe arongoye mu mugambwe.

Nimubona Gaspard arongoye CNDD-FDD mu Ngagara

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.