IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Amatora y’abagize urwego rw’abakenyezi mu makomine yaranzwe (...)

Bujumbura: Amatora y’abagize urwego rw’abakenyezi mu makomine yaranzwe n’utunenge

jeudi 28 Ruhuhuma 2013

Inyuma y’iminsi ibiri iheze habaye amatora y’abagize urwego rw’abakenyezi ku mitumba mu gihugu cose,kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2013,ayo matora yabaye ku rwego rw’amakomine.

Vyari bitegekanijwe ko ayo matora atangura isaha cumi na zibiri z’igitondo agahera isaha cumi na zibiri z’umugoroba,ariko yatanguye acerewe gatoya,insiguro yatanzwe ngo ni uko urutonde rw’abitoza rwakozwe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu nyene.

Nk’uko amakuru dukesha insamirizi y’igihugu abimenyesha,muri komine ya Kamenge,Buyenzi,Rohero, hose amatora yariko akurikiranwa n’abamusitanteri,abanyamabanga b’amakomine na bamwe mu bagize amanama mpanuzwajambo y’amakomine,ariko hagiye haribonekeza utunenge tumwe tumwe ku ruhande rwo abitoza.

Mu kamenge,abitoza bamenyesheje ko bataronse umwanya ukwiye wo kumenyesha imigambi yabo,hamwe n’amakarata y’itora yibonekeza hanze y’ahari hategekanijwe kubera amatora imbere y’uko amatora atangura.

Muri komine ya Ngagara,amatora yari gutangura isaha zitanu z’umutaga,ariko abari ku rutonde badashika 10 bonyene kw’150 bari kwitoza nibo bari aho kuri iyo saha,abandi bari bajanye na musitanteri ku ngoro y’umugambwe uri ku butegetsi.

Bamwe mu bitoza muri komine ya Ngagara bamenyesheje ko batizeye ibizova mu matora kuko ico gikorwa cabayemwo ibitagenda neza kuva mu ntango.

Muri quartier ya 4 yo mu Ngagara abitoza batatu bari ku rutonde mu gihe batari ku rutonde rwa 15 batowe ku mitumba.

Muri komine ya Buyenzi na Rohero naho nyene utunenge twibonekeje.
Tubamenyeshe ko aho hose hatari abakurikirana amatora kandi bamwe mu bitoza bamenyesheje ko batazi ico bafatirako kugira ngo ube mu bagize ibiro vy’amatora,bamenyesheje kandi ko abari bagize ibiro vy’amatora bashobora kuba abava mu mugambwe umwe gusa.

Kubwa Soline Rubuka arongoye ishirahamwe CAFOB bavuye mw’itunganywa ry’ayo matora kuko gushika ubu batararonka inyishu y’ikete bandikiye umushikiranganji wo gushigikirana yatunganije ayo matora,muri iryo kete CAFOB yasaba ko ayo matora yokwigizwa inyuma kugirango haboneke umwanya ukwiye wo gusigura akamaro k’ayo matora.

Tubamenyeshe kandi ko amashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi yari yasavye ko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yaserukirwa ku rugero rwa 50 kw’ijana mu murwi utunganya ayo matora.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.