IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura:Amazi y’imvura arabangamiye amabarara muri karitiye ya (...)

Bujumbura:Amazi y’imvura arabangamiye amabarara muri karitiye ya Kigobe

vendredi 11 Nzero 2013

Amazi y’imvura arabangamiye karitiye ya Kigobe yo mu buraruko no mu bumanuko.Ibarabara rica hagati muri iyo karitiye bisa n’uko ritabaho ku abagenda n’amaguru hamwe n’abagenda n’imodoka.Abarongoye iyo karitiye bakaba baramaze gushikiriza ico kibazo ababijejwe.

Uva ku biro vy’igipolisi kiraba imbibe PAFE,ibarabara rica muri karitiye Kigobe rirabangamiwe n’ibinogo vyimbwe n’isegenya ry’imvura.Hagati y’ibiro vy’ishirahamwe ryo gushigikira abagendana umugera wa SIDA n’ihoteri Kibunoah,amazi y’imvura ntagishobora kurengana bigaca bituma haba urudengeri mw’ibarabara.

Inzu zubatswe n’ishirahamwe SIP ziri muzibangamiwe n’ayo mazi kuko yinjira muri izo nzu mbere akinjirana n’umucafu mwinshi,mbere biranagora ababa muri izo nzu kuhashika mu gihe imvura iba yaguye.

Umukuru wa quartier ya Kigobe yo mu buraruko Gabriel Bigirindavyi amenyesha ko ico kibazo yamaze kugishikiriza abatwara komine Gihosha abo nabo bakaba barabimenyesheje ababijejwe. Kubwa Gabriel, mu gihe c’imvura amazi ava hejuru ku mitumba afise inguvu nyinshi bigaca bituma aho yagenewe guca harengerwa.

Yamenyesheje kandi ko mu kwezi kwa gatandatu kw’umwaka uheze hari hatanzwe isoko ryo gusanura iryo barabara ariko ntivyabandanije.No mu bikorwa rusangi ngo abanyagihugu ntavyo boshobora kuko bisaba ubuhinga n’ibikoresho vyabigenewe navyo bikaba bisaba uburyo bwinshi.

Abanyagihugu bamwe bo muri iyo quartier bavuga ko igihe c’imvura ari igihe kibi mu gihe ku bandi bobo ari igihe ciza nka wawundi ngo:«Bamwe bararira abandi bakaririmba.» Abagendesha amaguru bobo ntibakigira ico bavuga kuko kugira bashike iyo baba bagiye bibasaba guca mu mazi no mu rwondo.

Bakaba bababajwe no kubona ibikorwa vyo gusanura bitaba ibizobatuma bakoresha uburyo bwinshi butari bukenewe.

Abanyagihugu rero na cane cane abagendesha imiduga bakaba basaba ko ibikorwa vyotangura mu maguru masha kuko imodoka zabo zipfa hakiri kare.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.