IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Amazi y’imvura arageramiye amabarabara

Bujumbura: Amazi y’imvura arageramiye amabarabara

mardi 22 Nzero 2013

Muri iyi minsi y’imvura ,amazi arageramiye igisagara ca Bujumbura. Ivyo rero bikaba biterwa nuko atamiserege itwara amazi ikwiye ihari. Amakomine amwe amwe agize igisagara ca Bujumbura ararembejwe nayo mazi tutibagiye igice ca Rohero na Ngagara.

nko muri rohero twovuga cane cane ibarabara avenue de la mission aho usanga ibinogo aha na hariya. mu gihe c’imvura naho usanga amazi yabaye nk’ibiyaga ku buryo bigora abarengana gushika mu gisagara hagati.

ivyo kandi biribonekeza muri komine kanyosha aho uruzi gacanjishi rubica bigacika mu gihe c’imvura abanyagihugu baho bagasaba urwo ruzi ko rwokwubakirwa hanyuma amabarabara nayo agacirirwa imiserege.

kuvyerekeye ico kibazo umushikiranganji w’ibikorwa vya reta moise bucumi yamenyesheje ko hariho umugambi w’ibanki y’isi yose wo gusubiramwo igisagara ca bujumbura kuko yasanze kidatunganijwe neza. ubushikiranganji nabwo bukaba buzoba burakora ibikorw a bibayabaye.

ico twokwongerako ni uko imvura nyishi igwa muri kino gihe ituma abajejwe gupima ubwinshi bw’amazi aca mumiserege yo mugisagara ca bujumbura bihenda aho ukwaguka kw’ico gisagara kutisunga amategeko ngo bitume basiga aho amazi azoca hakwiye ari naho usanga imiserege imwe imwe yarengewe n’amazi ugasanga n’ayo mazi yuzuyemwo umwanda kuburyo amabarabara usanga yuzuye iyo myanda yahitanywe n’imvura.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.