Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Imyiyerekano ku buserukizi bw’Ububirigi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bujumbura : Imyiyerekano ku buserukizi bw’Ububirigi

Bujumbura : Imyiyerekano ku buserukizi bw’Ububirigi

samedi 10 Gitugutu 2015, par egide

Abanyagihugu bivugwa ko ari abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu bagize imyiyerekano imbere y’ahakorera ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi.
Abo banyagihugu bari bagizwe ahanini n’urwaruka bakaba bagiriye iyo myiyerekano imbere y’ubuserukizi bwugaye, kuko umunsi wa gatandatu ari uw’akaruhuko ku bakozi b’ubwo buserukizi.

Imbere y’uko iyo myiyerekano yabereye ahakorera ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi itangura, amabarabara yose yinjira mu gisagara ca Bujumbura yabanje kwugarwa. Inzandiko zikaba zavuga ziti : Nimuduhe Sipiriyano NTARYAMIRA umukuru w’igihugu cacu. Izindi zikabaza ziti : Mwashize hehe Ndadaye Melchior incungu ya demokarasi?

Iyo myiyerekano ikaba yabaye inyuma y’umunsi umwe Reta y’Uburundi imenyesheje ko yakuye icizere kuri Marc Gedopt, aserukira igihugu c’Ububirigi mu Burundi.

Indwi imwe gusa kandi niyo yari iheze umugambwe CNDD FDD wagirije mw’itangazo wasohoye ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ririko ricanishamwo amoko hamwe n’inzego z’igiporisi mu Burundi, mugufatira ibihano abategetsi b’abahutu gusa, nk’uko iryo tangazo rya CNDD FDD ryabimenyesheje, ivyo bikabonekera mu bihano biheruka gufatirwa abategetsi bane bakomeye bo mu nzego z’igiporisi. Uwo mugambwe ukagiriza kandi iryo shirahamwe ko rishigikiye abashatse gutembagaza ubutegetsi.

Iyo myiyerekano y’abanywanyi ba CNDD FDD ikurikiye ingingo igihugu c’Ububirigi caheruka gufata, y’uguhagarika amafaranga cahora gitanga yakoreshwa mu migambi itandukanye y’Uburundi.

IGIHE

Messages

  • Nimba ubuserukizi bw’ubirigi butagi- korera m’UBURUNDI abarundi batobaho,nibareke babagendereko.

  • jendumuhutumugabontavyonshigikiyentavyamokobikiharivyabananiyegutwaranibarekekuduhenda

  • Oooh,Mana tabara uburundi!amoko aragarutse kweli!

  • Nimwiyicarire data mweho police ntiza kubica no kubatekera mu magunira!

  • Imyiyerekano yaba dd iba mumutekano ntamasase baraswa kuko bigirwa nimbonerakure zabo mbe bobo kwataba police babirukanye igihucacu caramaze gutabagurika mbe nikuki aharikosa batahavuga mwebwe gamwarwaruka ntasoni mufita nimba mugifise ubwenge bukora neza nimwiyunvire amabiyose ahaye aba mugihugu icoyavuyeko mucemwiha inyishu mumitima yanyu jewe narikubashimira iyaba mwagiye kwugariza musaba irya nfashanyo yaraye ihagaritswe MANA tabara abarundi nuburundi uhindure imitima
    yabategetsi babwo

  • nibagende.kuvahobaduhekuriyeturarushe.ubunibapima.abobakunda.tuzobasobangamya.hasigare.arumumuko

  • jewe murantwenza erega aba birigi simana.ahubwo uwaserukira ubu birigi nibamwirukane.mbe imbeba inyoni nibindi bikoko bifashwa na babirigi?ataribo babifasha,kobibayeho?twebwe imana yobura ikidutunga kandi arinayo yadushizeho?jewe iconzi imana iratubona

  • IYO MANDA BASHA IYO AYIREKA.KUBA MUMUHENA NK’INFUKU URI PEREZIDA NTAGATEKA BITANGA KABISA!

  • nivyo!nibarek kundutandukany kk twese turabene burundi.IMANA mukunduha uburundi yabuhay abantu ntiyabuhay abatuts cank abahutu cank abawa.nubwatwese.ndufatan munda rr mukwubaka notre pays

  • Mbega aho muvuga ngo birukane abaserukira ububirigi mu Burundi ,mbega aho musaba ububirigi abo bapfuye nibo babishe?mbega Manirumva,ba babikira 3 ko bobo mutabavuga ?kuva imyaka 10 muri ku butegetsi ko Dossier ya Ndadaye mutarigera muyigirako amatohoza?Leta y’uburundi yabaye nk’umwana yahiye mukwaha kuko twabuze aho twoyifata, abandi nabo ngo yataye umutwe kweri kuko basigaye bavuga ibintu bitagira mvura.mbega aho CNDD ivuga ngo bafatiye ibihano abahutu gusa,ubutungane ntiburabira ngo ni umuhutu cane umututsi canke umutwa.ntimwitwaze amacakubiri kuko uwo mu dayimoni wayo twaramwiyambuye kera.

  • ABOBABIRIGI,NIBAGENDE TUZOBESHWAHO NIMANA.KUK IMANA SUMUNTU NGIBESHE KANATSINDA NTIBADUKUNDA KUBERA BARAHENGAMIYE KUBWOKO BUMWE BWABATUTSI INTEGA NAMARANGARA KO HAPFUYABAHUTU ABABISHE NTIBAZWI KOBATABAFATIY IBIHANO CANKE NUKO HAPFUYABANTU ABAZUNGU BADAKUNDA,TWARABAHINYUYE MUZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA JU MUNGU SI OSENI WARA ASANI

  • Mana Hezagira Uburundi Kuku Ndumva Tugiye Kuba Nyamwigendako Nawe Ntarimiri Impeshi

  • Ababirigi ngo bashaka ko habaho ibiganiro kujyira ngo bahagarike gutanga amagerenade!

  • Mbega yemwe ubu niho mucikangura kubera mubonako muriko mutekera amazi mu rukangaga!! imyaka cumi mu maze kuburefetsi ni igiki cababujije gufata no gucira imanza abo bishe Ndadaye na Ntaryamira?Atari ukwica abahutu gusa kandi twari tuziko ibintu bigiye guhinduka! Mwaravye musanga aba biligi nibo mwobaza Ndadaye na Ntaryamira? ahubwo mwataye imitwe.

  • Ivyiki Gihugu Biteye Akamaramaza.Mbega Ko Twarya Dusauye Ububirigi,aribwo bwatuma turonka imfashanyo kubera bwadukoronije,ubu bigiye kugenda gute?Utuka So Wawe Utarasohoka Munzu Iwe Akakuraza Hanze.Uhisha Ubwari Nyoko Ntiwarama.Nzora Ibikurikira.

  • Non Kububirigi Budukuy Kwiminwe,muburund Tugiy Kub’abande?

  • Ahubwo abo bantu igiporisi nikibatere amazi bapfebangara nkabarwanije ikiringo ca Nkurunziza ahubwo ntabwenge bafise.Ubu niho bakivyibuka?

  • Ababirigi Nibagende Ntituzokwicwa Ninzara Imana Izohezagira Uburundi Nabwo Bufashe Ibindindibihugu Nakare Ijamboryimanarivugariti Gutanga Kuruta Guhabwa Ububirigi Nibutahureko Ububurundi Hagezeko Bukura. Bwakuze.

  • Ntimwibagire Manirumva na Bababikira ba 3 Baba Taliano ntimubibagire bene wacu kuko ndabona muhagurukiye inzirakarengane.

  • mbe ko mubirukaho mubashaka ko iki ko wumva muri abagabo mutubike uwa vubi mwikaze musimbiye kuri ambassade ata mezi angahe hari akantu umwaka

  • izimbwa zarafashe igihugu kweli, ikinyoma cahawe intebe, ariko Imana y’Uburundi iracahari

  • W Wait Mwigiz Abagabo Namw Murya Musz,ivyo Bijuju Navyo Ngo Imyiyerekano Mugiy Kurya Amana.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.