Accueil > Amakuru > Amashuri > Bujumbura:Concours National yakozwe nabi nabi
Bujumbura:Concours National yakozwe nabi nabi
jeudi 7 Rusama 2015
Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu mashuri yisumbuye cakozwe nabi nabi mu gisagara ca Bujumbura.
N’uko vyari vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’amashuri y’intango n’ayisumbuye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Rusama, ikibazo concours national cakozwe mu gisagara ca Bujumbura, naho hamwe abariko baragikora bitaboroheye.
Ahenshi gushika igihe c’isaha zitanu n’igice ntibari bwatangure, ahandi naho bagomvye kugikora, abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza baciye babasohora.
Kw’ishuri rikuru riri muri Komine ya Rohero, ku banyeshuri 600 vyari vyitezwe ko bakora, abatarenga 300 nibo bitavye. Muri komine ya Musaga hoho ntibahakoreye kuko vyabonetse ko umutekano wabo utari ushemeye.
Mu gihe nk’isaha zitanu n’iminota 20 ahari hategekanijwe gukorerwa ico kibazo mu Kibenga bari bagihamagara intonde z’abakora, muri komine ya Ngagara hoho abari baje gukora ico kibazo bari bamaze gusohorwa n’abari mu myiyerekano nico kimwe no muri komine ya Buterere.
Abavyeyi bavuga ko ico kibazo kitari gukorwa kumvo z’umutekano muke,aho cakozwe naho bakavuga ko ata cizere c’uko abana bazogitora kuko bagikoze mu bihe bibi.
Mu buyobozi bw’indero mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko aho batakoze kubera imvo z’umutekano bazokoresha ikindi kibazo umutekano ugarutse.
Mwomenya ko mu gihugu hagati hoho ikibazo concours national cakozwe hose ata ngorane.
Messages
7 Rusama 2015, 15:14, par faraja john
Vyatewe nande?izimpande2ziriko zirahangana ufis’ukuri ninde???
7 Rusama 2015, 15:17, par faraja john
Vyatewe nande?izimpande2ziriko zirahangana ufis’ukuri ninde???
7 Rusama 2015, 16:59, par asuma
niba banagikoze Imana ishimwe kuko ge nabonaga n’abana 10 bataboneka ngo bicare bakore icibazo.
7 Rusama 2015, 17:09, par Elias,
Nukuri.Ndashimiye.Reta.Kubona.Abana..Bacu.Bakoze.Konkuru.Nabari.Mumyerekana.Nibabihebe.Imigumuko.Ntamaze
7 Rusama 2015, 20:47, par Claude
Non, harimwo injustice, il faut ko gisubirwamwo kuko ivyo ni favoritisme kuri Leta yagiteguye. Nukuvuga ko abatashoboye kugikora kandi bazi ubwenge batazoja mw’ishure rikuru? Muze muriyumvira nk’abantu bafise ubwenge.
8 Rusama 2015, 10:43, par KARERE
Abagira imyiyerekano nibagez’aho! Abanyagihugu babonye kandi bumvise kuko konkuru yakozwe igihugu cose. Ayo makomine atakozwemwo ikibazo niyo ikaze mumyiyerekano bazoze barumvirizwa nabo kuko bashaka nabo ivyohinduka. Nsavye umukuru w’igihugu abaronderere akajambo ko kubahumuriza
8 Rusama 2015, 21:21, par fafa Rutimen
none reta iremerako abatakoze basubiramwo umwaka twebwe abanyagihugu twaremerewe nibibera muburundi gushikaho nabanabazira politique iyo ninderonke mugihugu uko arimpande 2 nibahangane bareke izonzoya kuzihohotera
8 Rusama 2015, 21:23, par fafa Rutimen
none reta iremerako abatakoze basubiramwo umwaka twebwe abanyagihugu twaremerewe nibibera muburundi gushikaho nabanabazira politique iyo ninderonke mugihugu uko arimpande 2 nibahangane bareke izonzoya kuzihohotera
11 Rusama 2015, 09:26, par jelady onesmo
none reta yarananiwe guhagararira umutekano w’abana ngo bakore ikibazo?
14 Rusama 2015, 13:25, par niyonsaba
ntacombonakirutainyishuyanjenkuguhagarariraabanabarangizecocoursmumutekanontangere
17 Ruheshi 2015, 11:50, par MUSONI EVARISTE
ICONOSABANUKO KONKURU ITOSUBIRWAMWO MURAKOZE
5 Ruheshi 2018, 13:44, par Nsabimana Jean Marie
Jewe ico nasaba nuko iyo yindi misi yose isigaye hoboneka umutekano ukwiye aho mu gisagara ca BUJUMBURA
23 Myandagaro 2018, 21:41, par IRANKUNDA ANANIAS
AMANOTA YA 9eme bafatiye kurangahe?