Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Haracakenewe imfashanyo nyishi zo kugarukira ku bahuye (...)
Bujumbura: Haracakenewe imfashanyo nyishi zo kugarukira ku bahuye n’ivyago
lundi 17 Ruhuhuma 2014
Haracakenewe ibintu vyinshi kugira abahuye n’ivyago vy’imvura yaguye ku musi w’Imana igenekerezo rya cenda rishira irya10 Ruhuhuma bashobore gufashwa, ivyo nivyashikirijwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri.
Kuri uno munsi wa mbere igenekerezo rya 17 Ruhuhuma, igihe icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yariko agendera amasite yaho begeranirije abahuye n’ivyago vy’isegenya mu gisagara ca Bujumbura, yamesheje ko n’ubu hagikenewe ibintu vyinshi vyo gufasha. Gervais Rufyikiri akaba ashimira abantu bose bamaze kugira ico bakoze, mu gufasha abo bahuye n’ivyago hamwe n’umutima w’urukundo abarundi berekanye mu gufasha bene wabo. Muri urwo rugendo, icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu akaba yari yagiye ajanye n’umushikiranganji wo gufatana mu nda hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana.
Muri kino gihe rero, imfashanyo zikaba zibandanya zegeranwa yaba n’amashirahamwe eka n’abandi baza baratoza ku ngo barondera ico boshobora gufasha benewabo bahuye n’ivyago.
Floxella Karire