Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Hariko harabera uruganda rw’inyigisho ku bakozi ba Reta ya (...)
Bujumbura: Hariko harabera uruganda rw’inyigisho ku bakozi ba Reta ya Somaliya
mardi 15 Nzero 2013
Hari abakozi benshi ba Reta ya Somaliya bari i Bujumbura aho bariko bakurinkirana uruganda rw’inyigisho zo kubakarihirizaa ubwenge kugira bayobore neza igihugu.
Urwo ruganda rwateguwe n’ishirahamwe rya Afirika ricungera umutekano muri Somaliya Mission de l’Union Africaine pour le maintien de la Paix en Somalie (AMISOM) ifashijwe na Reta y’u Butariyano. Ambasaderi Basile Gateretse amenyesha ko naho Somaliya igenda ironka umutekano bukebuke ngo irakeneye abakozi baciye ubwenge bo gukorera Reta neza.
Uwuserukira u Burundi muri Somaliya yamenyesheje ko muri Somaliya bazosubiramwo ibintu vyose vyasambuwe n’intambara muburyo bwose haba kubijanye no kunguruza abantu n’ibintu , amashure n’amavuriro ndetse no mu buryo bwabo bwa poritike, hakaba haheze imyaka irenga mirongo ibiri igihugu kiri mu ntambara y’urutavanako
Joel Sengurebe