Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura:Ibiteramo vya Noel vyaritabwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Bujumbura:Ibiteramo vya Noel vyaritabwe

Bujumbura:Ibiteramo vya Noel vyaritabwe

mercredi 26 Kigarama 2012

Ku mugoroba buca hahimbazwa umunsi mukuru wa Noweri,henshi mu mashengero rukristo bari bateguye ibiteramo bitandukanye vyo guhimbaza ivuka ry’umukiza.

Nko mw’ishengero Glorious Church aho twaciye twasanze hari abantu benshi bariko barahimbaza bongera bashima Imana kuvyo yabakoreye bitandukanye bibutsanya n’amajambo ajanye n’uwo munsi wa Noweri. Twaraciye kandi mw’ishengero Eglise Communautaire Pentecôte mu U Burundi aha rero hari hatumiwe imirwi itandukanye y’abaririmvyi aha mbere vyaboneka ko hari hitavye abantu benshi kuko bamwe bari bahagaze hanze bose baririmba bati:˶Umwami yatuvukiye.˵

Ahandi twaciye ni kw’ishengero Guerison des Ames aho twasanze naho nyene bimeze nkaho twari twaciye ubwa mbere kuko naho vyaboneka ko abantu bari bitavye ari benshi bashima baririmba bongera bahimbaza Imana. Twaraciye kandi kw’ishengero rya katorika ryitiriwe Yozefu Mweranda naho vyari nkukwo kwaho hambere.

Inyuma yo guca muri aya masengero bikaba vyabonetseko abantu batari bake na cane cane abemera Kristo baha agaciro ntangere uwu munsi bahimbaza ivuka ry’umukiza kuko mu mashengero atandukanye baraye bararirimba,batamba,bashinga intahe, ku bwabo mbere ngo Noweri ni umunsi werekana impera y’umwaka ku bemera.
Twobamenyeshako,haba mu mashengero y’abaporoti no mu maparuwase ya katorika atandukanye ibintu vyari ukwo.


Joël Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.