Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Igiporisi kijejwe umutekano wo mu mabarabara cahawe (...)
Bujumbura : Igiporisi kijejwe umutekano wo mu mabarabara cahawe indongozi
jeudi 9 Gitugutu 2014
Inyuma y’amezi atari make igiporisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara kitagira uwukiramutswa, kuri uwu wa gatatu, umukuru w’igihugu yagenye indongozi z’ico giporisi kijejwe umutekano n’uruja n’uruza mu mabarabara.
OPP1 Alfred Innocent Museremu niwe yagenwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu, mu mabanga y’umukuru w’igiporisi kijejwe uruja n’uruza hamwe n’umutekano mu mabarabara mu gisagara ca Bujumbura (commandant de la Police de Roulage et de la Sécurité Routière). Yasubiye mu kibanza ca Arthemon Nzitabakuze yungururijwe mu ntara ya Ngozi. Uwo yahawe ayo mabanga yahora ari umuhanuzi ajejwe gutunganya intwaro mu bushikiranganji bw’umutekano.
Icegera ciwe ni OPP1 Etienne Ndayisaba, yahora ari icegera c’umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura.
Egide Nduwimana
Messages
9 Gitugutu 2014, 13:06, par MVUZO
Abo nibo bamaze amamoto yabandi bayiba babonye imoto umengo nimbwa ibonye akayabu nabonyene nukubasezerera abo ba rujinjiri bansumirinda kuko muburundi ntagipolice dufise izo nimbonerakure gusa bakorera umugambwe urikubutegetsi kuko ntamunyagihugu bigera kakingira yakubakingira ahubwo nibo babamara
10 Gitugutu 2014, 10:21, par Soro
Reka kuvuga ahubwo vyose adugana ingozi leka nimureke none namba yiba agashikana report ashimigwa kumusi kumusi abo bamuserem na nkurunziza bose nama bandi masa.
10 Gitugutu 2014, 13:11, par hakizimana abdoul
eka nukuri nkurunziza ntaribi arakora biboneka ahubwo mufate abambuzi
10 Gitugutu 2014, 14:25, par RWIMO
ABARUNDI MWARABUZE IHERO RYUMUTI. NONE ABOBAPOLISI MUBISE IMBONERA KURE NINDE AZOSIGARA ATITWA IMBONERA KURE? BIEN PARLER C’EST UN AVANTAGE MAIS SE TAIRE EST SOUVENT PLUS SAGE. HASIGAYE AHO MWITA ABAGABO BANYU CANKE ABAGORE BANYU NTIBAGIYE ABANA BANYU IMBONERA KURE KANDI BOBO BARI MURI UPRONA CANKE MSD. AKAMARAMAZA NI UWINAMUYE NGO NZABAMPEMA NI IMBONERAKURE HAAAAAHAHAAA YAVUYE MURI PALIPEHUTU RYARI? UBU RERO UMURUNDI WESE NI IMBONERAKURE D’APRES SORO
10 Gitugutu 2014, 14:34, par RWIMO

27 Rusama 2015, 13:15, par ukuri
abarundi nta gipolisi dufise izo zose ni imbunekure abapolisi umupolisi nyakuri nuwo gucungera umutekano siho kwica cangwe kwiba imbwebwe imburakimazi
27 Rusama 2015, 13:42, par ukuri
abarundi nta gipolisi dufise izo zose ni imbunekure abapolisi umupolisi nyakuri nuwo gucungera umutekano siho kwica cangwe kwiba imbwebwe imburakimazi