Accueil > Ubutunzi > Bujumbura : Ihayanishwa ry’ibidandazwa n’ibinyobwa bihingurirwa mu gihugu (...)
Bujumbura : Ihayanishwa ry’ibidandazwa n’ibinyobwa bihingurirwa mu gihugu c’Urwanda
vendredi 17 Ndamukiza 2015, par
Abanyenganda batandatu bava mu gihugu c’Urwanda nibo bari mu gisagara ca Bujumbura, mu nyubakwa za Cathedrale, bahayanisha ibifungurwa n’ibinyobwa bikorerwa muri ico gihugu .
Urwego RDB (Rwanda Development Board) rufatanije n’ubuserukizi bw’igihugu c’Urwanda mu Burundi, hamwe n’ishirahamwe Tramwex Burundi, batunganije ihayanishwa ry’ibifungurwa n’ibinyobwa, bikorerwa mu gihugu kibanyi c’Urwanda bise "Food Festival". Iryo hayanishwa rikaba rifise intumbero yo kwerekana ivyo bifungurwa n’ibinyobwa hamwe no kwunga ubucuti mu vy’ubucuruza hagati y’abadandaza, b’ivyo bihugu uko ari bibiri, nk’uko bishikirizwa na Amandin Rugira, aserukira igihugu c’Urwanda mu Burundi.
Igituma rero urudandazwa rworoha hagati y’Uburundi n’Urwanda, n’uko ivyo bihugu bisanzwe vyegeranye cane, bikaba bishaka kuvuga ururimi rumwe n’umuco umwe biroroshe hagati y’abadandaza, hamwe n’ubushake bwa poritike kuko ivyo bihugu biguma vyorosha mu gukuraho inzitizi z’amatagisi ku mipaka.
Melance Rushishikara amenyesha ko hari akunguko ku munyagihugu w’Umurundi, kuko ivyo mu gihugu c’ Urwanda bahingura vyinshi biva mu Burundi nk’ mabungo, amamandarine , n’ibindi, ari naco gituma ahamagarira abanyagihugu b’abarundi gukomeza umwimbu, ntibacike intege n’ubwo bishokera mu gihugu kibanyi c’Urwanda, kanatsinda ni bamwe, nk’uko abandanya abishikiriza. Ikindi avuga n’uko ivyo bifungurwa n’ivyo binyobwa bihinguwe mu buhinga buhanitse, aha agatanga nk’uturorero tw’ifarine yongeyemwo amavitamine, amata avuyemwo ibinure, imfungurwa zikoreshwa n’abapfasoni bibungenze, amafu y’ubuyi, amata ,amajus,inzoga, n’ibindi.
- Melance Rushishikara arongoye TRAMWEX
Iryo hayanishwa rikaba riza kumara umunsi umwe gusa. Ariko uwoba akeneye ivyo bifungurwa n’ivyo binyobwa ashobora kurondera ishirahamwe Tramwex, ari naryo ryafashe mu minwe igikorwa co gukwiragiza ayo ma "produits", nk’uko bishikirizwa na Robert Muhizi, arongoye RDB.
Floxella Karire
Messages
17 Ndamukiza 2015, 14:22, par jean
Ntanzoga zihari ga??