IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Ikibazo c’ukwiyunguruza cabaye akayoberabahinga

Bujumbura : Ikibazo c’ukwiyunguruza cabaye akayoberabahinga

samedi 14 Nyakanga 2013

Ingorane zibonekeza mu kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura igihe c’isaha zitandatu, co kimwe no ku mugoroba igihe abatari bake baba bariko baraheza imirimo yabo kuva igihe c’isaha icumi n’imwe z’umugoroba, bamwe bavuga ko ari ubwinshi bw’abantu, abandi bakavuga ko ari ubukene buri mu barundi butuma badashobora kugura imiduga yo kwunguruza abantu, mu gihe hari n’abandi bavuga ko igisagara cagutse, n’ibindi.

Mu matohoza ikinyamakuru IGIHE cagize kuri iyo ngorane y’ukwiyunguruza iri mu gisagara ca Bujumbura, mw’ishirahamwe ry’ukwunguruza abantu n’ibintu ATRABU bavuga ko iyo ngorane yavuye cane cane kw’itegeko numero 594 yo ku wa 23 Munyonyo umwaka w’2012, rivuga ko amamodokari yunguruza abantu, yaba manini, canke matoyi, asanzwe akora muri iki gihe, ariko yugurukira i bubamfu, ko azobandanya akora ikiringo c’imyaka itatu, uhereye kw’igenekerezo iryo bwirizwa rigiyeho.

Imodoka zugurukira i bubamfu rero zisanzwe zizimbutse, ku va iyo ngingo iroye mu ngiro, ubwo bwoko bw’imiduga ntibwasubiye kwinjira mu Burundi kuko bazagiriza ko zitera amasanganya. Iyipfuye ntacuma co kuyisubiriza kiboneka, ivyo bigaca bituma ubwo bwoko bw’imiduga bugabanuka, hanyuma izugurukira i buryo nazo zisanzwe arizo zisabwa mu Burundi, zikaba zizimvye, ugasanga abarundi benshi badashoboye kuzigura kubera ubukene bw’ugarije abatari bake.

Kuri izo ngorane rero z’ukwiyunguruza ziri mu gisagara ca Bujumbura, abanyagihugu bavuga ko bibabaza cane, iyo baravye ingorane bahura iyo bariko bariruka kwurira imiduga ibunguruza. Ahari ingorane zidasanzwe, akaba ari amabisi yunguruza abantu baja mu Buraruko bw’igisagara co kimwe n’imiduga ija mu Bumanuko bw’igisagara. Abo banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bayaze na IGIHE, bavuga ko bitangaje kubona igisagara nka Bujumbura kibura imiduga y’ukwiyunguruza abanyagihugu batashe bavuye ku mirimo, mu gihe ibintu vy’umunigano mu kuronka umuduga ukwunguruza bitavurwa mu bihugu bisanzwe biri mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Abo banyagihugu rero bagasaba Leta y’Uburundi ko yofata mu minwe ikibazo c’imiduga yunguruza abanyagihugu mu gisagara ca Bujumbura, ndetse igihugu kigafatira uturorero ku bindi bihugu bisanzwe bihana urubibe nk’Urwanda, aho mu gisagara ca Kigali ako kajagari katavurwa. Abo banygagihugu kandi barasaba Leta ko yokoresha imiduga isanzwe iri mw’ishirahamwe OTRACO na POSTE, gutyo iyo miduga igasahiriza iy’abikorera utwabo.

Umukuru w'ishirahamwe ATRABU

Mw’ishirahamwe ry’ugutwara abantu n’ibintu ATRABU bamenyesha ko iyo ngorane bayizi, kandi ko bariko bararaba ico bokora kugira ico kibazo gitorerwe umuti. Muri ATRABU bamenyesha kandi ko kuva mu mwaka wa 2005, hashizweho ingingo y ’uko atamodoka mains gauche izosubira kwinjira mu gihugu c‘Uburundi ku mvo z’uko zitera amasanganya menshi. Mains droite zimwe imiryango iri mu buryo, arizo Leta ibasaba zikaba zizimvye cane. Kuva rero iyo ngingo ifashwe baciye bakoresha izahahora benshi ntibazisubiriza. Imodoka zirazimvye hamwe n ‘ibisanzwe bisabwa kugira uyitunge bisaba uburyo bwinshi. Mu 1985 imodoka y ‘i coaster yagurwa imiriyoni 3 ubu iri ku miriyoni 150. Muri 2005 kuriha, dedouanement yari imiriyoni 3, ubu bigeze ku miriyoni 18. Bavuga ko igiciro c’ukwiyunguruza cari gikwiye kuduzwa, kugira abantu bashobore kwitunganya basubirize iyo miduga yirukanywe.

Mw’ishirahamwe ATRABU rero bamenyesha ko ibisabwa ko ishirahamwe OTRACO ryofasha, nayo arii inzira nziza, ariko nyabuna bo, bakabona ko iyo miduga itari ikwiriye gutanga ikori kuko iba ije gufasha mw’iterambere ry’igihugu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.