Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Bujumbura : Imirima y’abanyagihugu irabangamiwe n’ibifyera
Bujumbura : Imirima y’abanyagihugu irabangamiwe n’ibifyera
mardi 4 Ntwarante 2014
Amwe mu makomine y’intara ya Bujumbura arabangamiwe n’ibifyera vyonona imirima, nk’uko bivugwa n’abanyagihugu bo muri iyo ntara ndetse bikemezwa n’umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Bujumbura.
Bamwe mu barimyi bo mu ntara ya Bujumbura, bavuga ko ivyo bifyera bije ku basubiza mw’ihumbi mu gihe bariko barakora uko bashoboye kugira barwanye inzara, inyuma y’imyaka n’imyaka bamaze badakubita isuka hasi kubera intambara z’urutavanako zabereye muri iyo ntara ya Bujumbura. Basaba Reta ko yokora ibishoboka, kugira ivyo bifyera bituzwe mu kubaronsa umuti wo kubipompa, kuko kugeza ubu, usanga abanyagihugu aribo bagenda barabitoratora ku mirima yabo, babiturira.

Umuyobozi nawe w’uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara ya Bujumbura, avuga ko ivyo bifyera bamaze kubibona, kandi ko bitikiza imirima y’abanyagihugu. Kugeza ubu, avuga ko uburyo abanyagihugu bariko barakoresha mu kuvyica iyo babifashe, ari ukubishira mu munyota ushushe. Abandanya amenyesha ko umuti wo kubipompa ubaho, ariko uzimvye, ku buryo gupompa imirima y’intara yose vyotwara amafaranga menshi. Ikiro kimwe c’uwo muti kikaba kigurwa amafaranga y’amarundi 7500, ari naco gituma asaba abanyagihugu gukomeza kubifata, bakabita mu munyota ushushe.
Aristide Nizigire
Messages
4 Ntwarante 2014, 10:59, par sabuwanka juvenal
les analistes barakwiye kurahura ivyigwa aho ivyo bivyera biribwa bakaraba ko bohimiriza abanyagihugu bakabifata nkimfungugwa akarorero muri cote d’ivoire aho babishora mwisoko bigacurunzwa nkakura bacuruzinyama canke
4 Ntwarante 2014, 14:29, par lvsjcb@gmail.com
Abajwejwe ivy’uburimyiico kibazo bocihweza neza