Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Inama ihuza abahinga ba COMIFAC yatanguye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Bujumbura : Inama ihuza abahinga ba COMIFAC yatanguye

Bujumbura : Inama ihuza abahinga ba COMIFAC yatanguye

mercredi 14 Nzero 2015

Uburundi buzokwunguka ibitari bike mu myaka ibiri bugiye kumara burongoye urwego ruhuza ibihugu vya Afrika yo hagati COMIFAC, rijejwe gukingira amashamba.

Mu gihe kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Nzero, i Bujumbura, hatangura inama y’abahinga itegura iy’abashikiranganji baraba ivy’amashamba mu bihugu cumi vyo muri Afrika, bihurikiye mu rwego COMIFAC (Commission des Forêts de l’Afrique Centrale), umushikiranganji Jean Claude Nduwayo ajejwe ibidukikije n’amashamba yamenyesheje ko Uburundi buzokwunguka ibitari bike mu myaka ibiri bugiye kuzomara burongoye urwo rwego.

Icigwa cakozwe ku bijanye n’amashamba akingiwe cerekana ko ibice 70 kw’ijana vy’amashamba yo mu karere k’uruzi Congo (Bassin du Congo) bizoba vyaheze mu mwaka w’2020 hatabaye ibikorwa bikomeye vyo gukingira amashamba no kugwiza amashamba.

Uburundi bukaba bufise amahegatari arenga ibihumbi 156 vy’amashamba akingiwe harimwo aya Reta n’ayabigenga. Mu gihe basanze hari ibikorwa vyinshi vyonona amashamba n’ibidukikije muri ako karere ka Afrika yo hagati, haciye hashingwa urwego rujejwe gukingira amashamba no kuyagwiza, Uburundi bukaba aribwo burongoye urwo rwego mu kiringo c’imyaka ibiri guhera mu 2015. Uburundi bukaba busubiriye mu kibanza cahoramwo igihugu ca Tchad.
Umushikiranganji ajejwe amashamba n’ibidukikije Jean Claude Nduwayo amenyesha ko Uburundi buzohungukira ibitari bike muri ino myaka ibiri bugiye kuja ku burongozi bw’urwo rwego. Ni akaryo keza kubw’imigambi Uburundi busanzwe bufise, ikazoja mu ngiro, igihugu kimenyekana kandi kigenderwe.

JPEG - 5.7 Mo
Jean Claude Nduwayo, umushikiranganji w’ibidukikije, amazi hamwe no gutunganya ibisagara

Ariko rero, urwo rwego rurafise ingorane y’uburyo rukoresha, nk’uko umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe abimenyesha, akizera ko abahinga bazoshika ku ntumbero itomoye y’ukungene iryo shirahamwe ryoronka uburyo rikoresha.

Tubamenyesha ko iyo nama yatanguye kuri uno wa 14 Nzero itegekanijwe gusozerwa kuwa 16 Nzero 2015.


Floxella karire

Messages

  • Ivyonivyiza, harihiciyumviro ngombandabaterere, Barya basoda canke aba polisi Tanzania babita Abagemu, bashinzwe gucungera ibidukikije mubarwise gushika kubwishi muhereye mukubarosa ibibafasha gu communikana gushikanaho nuwurimukaruhuko aguma akurikirana canke amenya bagenziwe ukobifashe, ubworero nibibafasha kwiyunviruza haba ibigendera kw’Isi, kumazi, nomukirere, ndibazako kubabafise utwuma bitwaza ducirumuriro ningombwa nibindi ntavuze ivyovyose nivyobizosigurako mwahagurukiye canke twahagurunkiye kwitahobikomeye gukingira nokurwiza ibidukikije. Ikindi mushireho nudushimwe kubenegihugu bateye ibitara canke bateye ibiti haryaruhande canke imbere yamazuyabo babamwo canke badandarizamwo, ubusbimwe singobwa ama millions yamafranga bishoborakuba akantu kandacige amafranga meshi canke mukamutangaza kuriradio koyitayeko kurwiza nugukingira ibidukikije. ICANYUMA KINAHAMBAYE MUKAVUGAKO UMWENEGIHUGU AZOREKA IGITICIWE KIGAKURA AKAZOCIKORAKO ARUMWO KIGEZIGIHE COGUSATURWAMWO IMBAHO CANKE IMADRIYE KOMUZOMUFASHA MUKUGISATUZA MUGABOYABANJE NOKWEREKANA IKINDI YATEJE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.