Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Inama rukokoma y’uburimyi n’ubworozi yatangujwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Bujumbura : Inama rukokoma y’uburimyi n’ubworozi yatangujwe

Bujumbura : Inama rukokoma y’uburimyi n’ubworozi yatangujwe

lundi 16 Ruheshi 2014

Uburundi bwarateye intambwe ku kibazo co gufungura nabi mu kuva ku bice 58 kw’ijana buja ku bice 50 kw’ijana, aho ni ku bice 40 kw’ijana bisabwa kugira Uburundi buje mu rwego rw’abafungura neza kw’isi.

Mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe FAO, ibiharuro vyerekana ko imiriyoni zishika ku 925 z’abantu bo kw’isi yose, arizo zibangamiwe n’ikibazo co gufungura nabi.
Kuri uwu wa mbere wa 16 Ruheshi 2014, ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwatunganije inama rukokoma izomara iminsi ine. Iyo nama ikaba yatunganijwe mu ntumbero yo kurabira hamwe ibitagenda neza mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, ivyokosorwa hamwe n’ivyokorwa kugira ikibazo co gufungura nabi mu Burundi gituzwe burundu.

Ibikorwa vy’iyo nama rukokoma vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye bo mu gihugu na mvamakungu basanzwe bashigikira igisata c’uburimyi n’ubworozi, bikaba vyuguruwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.
Mw’ijambo ryiwe ryo kwuguruza ivyo bikorwa, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza akaba yamenyesheje ko igisata c’uburimyi ari ngirakamaro mu Burundi, kuko cinjiza ibice 50 kw’ijana vy’amafaranga akoreshwa mu Burundi, hamwe n’ibice birenga 95 kw’ijana vy’ibifungurwa.
Reta y’Uburundi ikaba yiyemeje kwongereza inguvu mu gukora ibishoboka vyose kugira ico gisata kibandanye gitera imbere mu ntumbero yo kurwanya gufungura nabi.
Imwe mu migambi yiyemeje akaba ari uguteza imbere umwimbu, kwongerereza ubumenyi abarimyi hamwe no guteza imbere ibisata vyose bigizwe n’uburimyi, harimwo n’igisata c’ubworozi n’uburovyi.

Kubw’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Odette Kayitesi, iyo nama rukokoma yatunganijwe, ije gutorera inyishu zirama ku bibazo vyugarije igisata c’uburimyi n’ubworozi, na cane cane ku kibazo kijanye n’ingene amatongo yaga atuma abantu bataronka aho barima.
Naho hongerejwe amafaranga mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, Odette Kayitesi amenyesha ko hakiri intambwe ikiri ndende kugira bashike ku mugambi biyemeje wo kwongereza umwimbu no kurwanya inzara mu gihugu.

Mwomenya ko muri iyo nama rukokoma igiye kuzomara iminsi ine, kuhera kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 16 gushika ku munsi wa kane, igenekerezo rya 19 Ruheshi, hagiye kuzokwirwa ibitari bike haba mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, haba mu bijanye n’ibidukikije, ivyo vyose bikazofasha gutorera inyishu irama ibibazo bijanye no kwongereza umwimbu mu ntumbero yo kurushirizaho kurwanya ugufungura nabi mu Burundi.


Mariella Bukuru

Messages

  • ndashimye cane itunganywa ry’iyo nama rukokoma.ngasaba ko hoba umugambi ukomeye wo kwigisha abarimyi iogene borima bisunze ibihe tugezemwo hakaba na suivi iboneka ikozwe na leta ,hakaza haratangwa imbuto zirobanuye n’imiti y’indimo hamwe n’abafundi b’indimo babizi koko kandi bavyize.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.