Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Inama zihuza ibigo bitoza amakori mu karere k’ Afrika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Bujumbura : Inama zihuza ibigo bitoza amakori mu karere k’ Afrika (...)

Bujumbura : Inama zihuza ibigo bitoza amakori mu karere k’ Afrika y’ubuseruko.

jeudi 27 Munyonyo 2014

Mu gisagara ca Bujumbura hariko habera ibikorwa vy’inama yo kurabira hamwe ivyaranguwe n’ishirahamwe ry’abayapani JICA , mu bigo bijejwe gutoza amakori n’amatagisi mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko.

Intumbero y’iyo nama yatunganijwe mu gatondo ko kuri uno wa kane,igenekerezo rya 27 Munyonyo, ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika aho bita’’ Nonara Beach’’ akaba ari kugira ivyo bigo bishobore kurabira hamwe ibikorwa vyashoboye kurangura bifashijwe n’ishirahamwe ry’abayapani rijejwe iterambere JICA , nk’uko tubimenyeshwa na Domitien Ndihokubwayo arongoye ikigo gitoza amatagisi OBR( Office Burundais des Recettes) hano mu Burundi.

Iryo shirahamwe rero JICA rikaba rimaze gufasha ibikorwa bitari bike ibigo bitoza amatagisi OBR. Hano mu Burundi rikaba ryafashije nk’akarorero mu gukarihiriza ubwenge abakozi bamwe bamwe b’ikigo OBR, yaba inyigisho bahererwa hano mu Burundi canke hanze y’igihugu. Ikindi iryo shirahamwe ryabafashije ni mukubaha uburyo bwo gucungera urubibe rwa Kobero i Muyinga, kugira bashobore gufataniriza hamwe n’igihugu ca Tanzaniya mu kurwanya urudandazwa rw’amagendu, Nk’uko Domitien Ndihokubwayo abandanya abishikiriza.

Ku munsi w’ejo naho, igenekerezo rya 28, hakaba hategekanijwe inama igira mirongo itatu n’indwi ihuza abayobozi b’ibigo bitoza amatagisi bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko , abo nabo bakazorabira hamwe aho ibikorwa biyemeje muri uwo muryango bigeze, ivyo bamaze gukora hamwe n’ivyo bakiriko barakora.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.