IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Inzira zo mu masoko zirakwiye kwubahirizwa

Bujumbura: Inzira zo mu masoko zirakwiye kwubahirizwa

lundi 11 Ruhuhuma 2013

Umukuru wi gisagara ca Bujumbura arahamagarira abarongoye amasoko yose ya Bujumbura kwubahiriza amayira yose ari mu masoko. Saidi Juma umukuru wi gisagara ca Bujumbura, avuga ko ayo mayira ategerezwa kwubahwa kandi ngo niyo afasha mugihe hadutse umuriro mu masoko.

Ku bwiwe ngo kuva aho umuriro wadukiye mw’isoko nkuru ya Bujumbura kuwa 27 nzero uyu mwaka ngo bararonse icigwa co gukingira ayandi masoko.

Nk’uko Saidi Juma umukuru w’igisagara ca Bujumbura avuga ko n’umugwi wo kuraba ko ayo mayira yubahirijwe umaze gushingwaho kandi n’icegeranyo akirindiriye mu minsi itarenga 30. Abacuruzi baburiye ibidandazwa vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura ubu bakaba bararondereye ibibanza mu yandi masoko ari mu gisagara ca Bujumbura, ugaca usanga abayadandarizamwo biyongereye.

Nkuko abandanya abivuga, Saidi Juma umukuru w’igisagara ca Bujumbura ngo izo ngingo zose zafashwe mu ntumbero yo gukingira amasoko asigaye mu gisagara ca Bujumbura inyuma y’aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igatokombera, imodoka zizimya umuriro nazo zikabura aho zica kubera aho zategerezwa guca hari hubatswe utuzu tw’ubucuruzi. Abubatse utuzu tw’ubudandaji twubatswe mu mayira natwo ngo tugiye kubomorwa vuba.

Amasoko afise ingorane y’amayira aha mu gisagara ca Bujumbura ni nk’isoko ya komine Ngagara, n’iya komine Kinama zose ziri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura,


Patrick Wasso

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.