Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura, isuku hamwe umwanda ahandi : hokorwa iki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Bujumbura, isuku hamwe umwanda ahandi : hokorwa iki

Bujumbura, isuku hamwe umwanda ahandi : hokorwa iki

mercredi 24 Mukakaro 2013

Mu gisagara ca Bujumbura, n’aho hari ibibanza birangwamwo isuku, hari n’ahandi haboneka umwanda udasanzwe ku buryo ababibona bibaza namba abategetsi boba bahaca, bakabona uko hasa. Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, basaba abanyagihugu kwitaho isuku, mu gukura imyanda.

Mu minsi iheze, mu burongozi bw’igisagara ca Bujumbura bari bafashe ingingo yo kubwiriza abanyagihugu bose ko bogirana amasezerano n’amashirahamwe akura umwavu. Budakeye na kabiri, inyuma y’aho abo vyega basabiye ko vyohinduka kuko ayo mashirahamwe yabasaba amafaranga y’umurengera kandi ntakure uwo mwavu nk’uko vyategerezwa.

Mu gihe hasubiriye kuvugwa ikiza c’ingwara ya Cholera mu bice bimwe bimwe vy’igihugu, abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura twashoboye kuganira bamenyesha ko bagira ikibazo c’aho bata umwavu, na cane cane ko ishirahamwe SETEMU ritakiza kubakurira umwavu ku mwanya.

Kimwe mu biranga igisagara ni isuku rihaboneka. Igitangaza rero abanyagihugu n’uko Leta yitaho cane cane isuku ryo hagati mu gisagara bakibagira kwitaho n’ibindi bice vyo mu makomine agize ico gisagara ca Bujumbura. Muri ayo makomine, abanyagihugu bahengera buhwibiriye, bagaca baja gusuka iyo myavu mu bibanza bitazwi, aho uca usanga yarirunze ukamengo n’umusozi. N’aho abo babisukaho baba bazi ko ari nyanduruko y’indwara zifatiye ku suku rike nka Cholera n’izindi, bamenyesha ko ata bundi buryo bwo kwikurako iyo myavu iba yababanye myinshi mu mpangu iwabo.

Basaba rero ko bokwerekwa ibibanza bizwi boza baregeranirizamwo iyo micafu, Leta nayo igakorana n’ishirahamwe SETEMU nk’uko vyahahora, akaba ariryo riza riraza gukuraho iyo myavu kuko vyagaragaye ko amashirahamwe abikoreramwo ubu yironderera akunguko, aho kwitaho isuku n’amagara y’abanyagihugu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.