Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Isuku rike niryo ryibonekeza muri bumwe mu buriro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Bujumbura : Isuku rike niryo ryibonekeza muri bumwe mu buriro

Bujumbura : Isuku rike niryo ryibonekeza muri bumwe mu buriro

mercredi 6 Myandagaro 2014

Isuku ntako ryifashe mu buriro hamwe n’ubunywero bwo mu makomine atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, mu gihe ikiza ca cholera bivugwa ko cashitse mu gisagara.

Muri komine ya Nyakabiga na Bwiza ziri mu gisagara ca Bujumbura, amazu y’uburiro atandukanye hamwe n’amazu y’uburiro, ntakwo yifashe nk’uko ikinyamakuru IGIHE cavyiboneye. Isuku rike aho bategurira imfungurwa canke aho abashaka kwivuna umusase bicara, hameze nabi, ku buryo urusazi, umunuko ari vyo vyakira abantu. Aho bategurira imfungurwa ho, tukaba twabonye hasa nabi cane, kuko utambutse nabi, ushobora kurwa mu vyondo biri ahategurirwa imfungurwa.

Bamwe mu bo twahasanze, basaba igisagara ca Bujumbura kugira isekeza, bagatuza abantu bose bafise amazu y’uburiro canke ay’ubunywero atarangwamwo isuku. Ivyo bakaba babivuze , mu gihe abasanzwe bakora ubuzi bwo gutegura imfungurwa, bamenyesheje ko ivy’uko ikiza ca cholera coba carateye mu gisagara atavyo baramenya. Muri izo komine uko ari zibiri twagendeye, tukaba twabonye ko batagira n’utuzu twa surwumwe tw’isuku, aho tumwe tutanapfundikirwa, kandi tutagira n’imyango.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.