Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Kudahagarika imiduga ahabigenewe bishobora gutera (...)
Bujumbura: Kudahagarika imiduga ahabigenewe bishobora gutera amasanganya
mardi 22 Nzero 2013
Iyo uravye neza mu gisagara ca Bujumbura usanga abantu bafise imiduga yabo canke abunguruza abantu mu mamodoka ya Taxi batubahiriza neza ibijanye naho bahagarika imiduga, ugasanga mbere bishobora gutera ikibazo abagenda n’amaguru kuko usanga rimwe na rimwe imiduga bayihagaritse mu nzira yabo.
Mu gisagara ca Bujumbura usanga hari uruja n’uruza rw’imiduga myinshi yaba iyunguruza abantu canke iyo abantu bigenga. Aho rero usanga abashoferi bamwe bamwe ivyo kwitaho kuraba aho bahagarika imiduga habigenewe ,ugasanga imiduga bayihagaritse uko bashaka naho bashaka.
Usanga rero ivyo bibandanije gutyo bishobora gutera ingorane zitandukanye harimwo nk’amasanganya canke mbere bigatuma igisagara kigira ishusho mbi. Nico gituma abakora ibintu nk’ivyo bari bakwiye guhindura ingendo bakaza barahagarika neza imiduga ahabigenewe kuko na kare abiyunguruza bose bakeneye kubikora mu mutekano.
Ababijejwe rero basabwa ko bovira hasi ico kibazo kuko kugirango impanuka zishobora kuva kuri ivyo ntizituma haba ivyononekara.
Joel Sengurebe