IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Ukwinonora imitsi mu kivunga (Sport de masse) vyahagaritswe

Bujumbura : Ukwinonora imitsi mu kivunga (Sport de masse) vyahagaritswe

mercredi 19 Ntwarante 2014

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwafashe ingingo yo guhagarika ukwinonora imitsi mu kivunga (Sport de masse), ku minsi ya gatandatu, mu mwanya w’ibikorwa rusangi. Mu ngingo nimero 53 yo kuwa 17 Ntwarante 2014, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ukwinonora imitsi mu kivunga (Sport de masse) bizohora bikorerwa mu bibanza bizwi, n’aho nyene vyabanje gusabirwa uruhusha.

Mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bamenyesha ko abinonora imitsi mu kivunga bimaze kuboneka ko baca baboneraho akaryo ko guhungabanya umutekano w’igihugu. Inyuma y’aho inama nkuru y’umutekano isabiye ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ko bwotunganya ingene ukwinonora imitsi mu kivunga bikorwa, ingingo yafashwe n’uko bizohora bibera mu bibanza bizwi, kandi ababishaka bakabanza kubisabira uruhusha.

Ibibanza bigiye gukorerwamwo imyimenyerezo yo kwinonora imitsi mu kivunga (Sport de masse) ni aho bita kuri Jardin Public, ku bibuga vy’umupira vya Camp Muha, mu Kamenge kw’ishure ryisumbuye rya ETS, mu Kibenga, ku kibuga c’umupira w’amaguru ca IPA, aho bita kuri Tempete, ku kibuga c’umupira ca PSR, ku kibuga c’umupira w’amaguru kiri ahegereye ishure ryisumbuye rya LP Ngagara, hamwe no ku kibuga c’umupira w’amaguru kiri mu Buyenzi. Abashaka kwinonora imitsi muri ivyo bibanza vyashikirijwe n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bakazotegerezwa kubisabira uruhusha.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.