IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Umumenyeshamakuru yoba yafashwe n’igendereza

Bujumbura: Umumenyeshamakuru yoba yafashwe n’igendereza

vendredi 14 Ruheshi 2013

Kuva ejo ku wa 13 Ruheshi 2013 ku muhingamo, umumenyeshamakuru w’insamirizi y’Uburundi Lucien Rukevya ntawuramenya irengero ryiwe nk’uko amakuru adushikira ava kw’iradiyo y’igihugu.

Ariko nk’uko bivurwa, ngo yoba yatwawe n’urwego rw’igendereza rw’Uburundi ejo ku muhingamo nk’uko ayo makuru avuga. Bagenzi bacu bariko baragerageza kurondera umuvugizi w’urwego rw’iperereza, ariko ngo yoba ari mu ntara ya Bururi mu rugendo rw’akazi. Telesiforo Bigirimana akaba yarungitse abamenyeshamakuru kuri Emmanuel Nsabimana akora muri urwo rwego nyene rw’igendereza, ariko terefone ngendanwa yiwe irazimije.

Twobibutsako kuva mugenzi wacu Hassan Ruvakuki akorera Bonesha FM afashwe agatwarwa igikubikubi gupfungirwa mu ntara ya Cankuzo yagirizwa ko yakorana n’imirwi y’abarwanyi, atawundi mumenyeshamakuru yari bwasubire gufatwa n’urwo rwego.

Ico Lucien Rukevya yoba yatwariwe n’urwo rwego rw’igendereza ry’Uburundi ntawurakimenya, ariko tukaba turiko turarondera abarongoye urwo rwego ngo batange umuco kuri iryo hagarikwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.