Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bujumbura : Umutekano wa Kidumu wongerejwe
Bujumbura : Umutekano wa Kidumu wongerejwe
mardi 6 Nyakanga 2016, par
Umuririmvyi Jean Pierre NIMBONA benshi bazi kw’izina rya Kidumu asanzwe ari mu gisagara ca Bujumbura, ariko avugwako vyinshi, bamwe bamwagiriza ko yatanguye ibikorwa vya poritike mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, ariko akabihakana. Kuva kuri uwu wa kabiri, umutekano wiwe wongerejwe.
Imbere y’uko yerekeza mu gihugu c’Uburundi, mu giteramo yatumiwemwo n’ubuserukizi bwa Kenya, muririmvyi rurangiranwa muri Afrika y’Ubuseruko, Nimbona Jean Pierre [Kidum Kibido Kibuganizo] yavuze ko yatewe ubwoba n’abantu bataramenyekana bamumenyesha ko niyasubira mu Burundi azoca yicwa. Kidum yanditse ubutumwa kuri Facebook yiwe amenyesha abakunzi biwe ko yiteguye gusubira mu Burundi kuhakorera igiteramo ku butumire bw’ubuserukizi bwa Kenya mu Burundi. Imbere y’uko aronka ubwo butumwa bw’uko azokwicwa niyaza mu Burundi, yabanje kwandika ati : "Niteguriye kuja mu Burundi kw’igenekerezo rya mbere 3 Nyakanga, mw’ihayanishwa-gurisha ryateguwe n’ubuserukizi bwa Kemya mu Burundi. Mbanje gushimira uwuserukira Kenya mu Burundi."
Nk’uko yari yavyemeye, Kidum yarashitse i Bujumbura, aho mbere kuri uwu wa gatandatu yaremesha igiteramo citabwe n’abantu benshi bamuheruka mu mwaka w’2014. Muri ico giteramo, Kidum yavuze ko yasanze amahoro n’umutekano bihari mu Burundi, ibitandukanye n’ibivugwa n’abandi banyeporitike yaba abari mu Burundi canke mu buhungiro.
Kuri uwu wa mbere naho, Kidum yifadikanije n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mw’itanguzwa ry’urumuri rw’amahoro ruzocishwa mu gihugu cose c’Uburundi.
Amakuru yacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye yaciye atangura kwagiriza Kidum ko yatanguye ibikorwa vya poritike mu mugambwe CNDD FDD, ivyo yiyamiriza yivuye inyuma.
Mu butumwa yatanze kuri uwu wa kabiri, Kidum yagize ati : "Ndababajwe cane n’imvugo y’abantu bamwe bamwe ! Mugira munzize gusa kubera ko nipfuza ko abarundi bosubiza hamwe Kandi nkashaka ko amahoro yogaruka vuba cane muri iki gihugu cacu. Narinzi ko abahora bavugira abarundi Mu kwibaza ko babitayeho none nasanze batanipfuza ko noza no kuvugiriza umuziki abanyagihugu ngo ni icaha gikomeye. Mbega kubera iki inkino za football zama zibera kuri stade prince louis Rwagasore zihuza u Burundi n’ibindi bihugu ko mutazirwanya ariko muciye murwanya uyu umuziki ! Waraye uhujije abarundi kumusi wagatandatu muvya tunganijwe Na ambassade ya kenya I Bujumbura !"
Jean Pierre NIMBONA, Kidum yabandanije agira ati : "Nta Giti ca politique nakimwe ndimwo ntanico nkeneye , ntanivyo nshoboye. Si ndi muri opposition Kandi sindi uwa leta . Nshaka gusa amahoro ko agaruka hose muri Kano Karere . Ntimunzize ubusa. Inzira yonyene Ni amahoro kuri twese Mu Burundi."
Inyuma y’ivyo biriko bivugwa ku muririmvyi NIMBONA Jean Pierre, igiporisi c’Uburundi cafashe ingingo y’ukwongereza umutekano wiwe.
IGIHE
Messages
6 Nyakanga 2016, 12:30, par Kagabo
Abifuza Akajagari Ntibifuza Kwumva Uwushaka Amahoro.
6 Nyakanga 2016, 13:00, par Tito
Basha namwe mundabire iyo foto,umenga ni Ndakugarika
6 Nyakanga 2016, 14:49, par Wassely
Ego Nibamucungere Kuko Abadashaka Amahoro Bohava Bamugandagura Hanyuma Bakavyegeka Kuri Leta Mugabo Baracungera Nabandi Baririmvyi
6 Nyakanga 2016, 15:24, par Amen Dzvid
Nibzmucungere bikwiye koko hari abarundi badaleneye amahoro ariko lmana lrikumwe nano Bose bashaka amahoro
6 Nyakanga 2016, 18:45, par ULLY KAVUBA
AMAHORO DUFITA MENSHI GOSE AHUBWO TUGWIZ,IBIKORWA TUREKE KURYANA TURIBAMWE.TWONGERE MUKUND,UBURUNDI TWIHOZE ABATUBUZ,IBIKORWA.GWA RUKA NIMUKUND,IBIKORWA
6 Nyakanga 2016, 18:59, par Proud to be rwandan
Kidumu kibido nkunda cyane indirimbo ze zihuza abantu gusa azirinde ntazagwe mu mutego wabanyaporitike nkuko byahrndekeye ba kizito, bikindi, nabandi bahanzi baguye mu mutego wa politike mu Rda bakoreka imbaga.
6 Nyakanga 2016, 19:10, par Iribuka
Nareke Guhenda abarundi yibaza ko turi ibijuju ,mbega ko wumva amahoro ari yose izombonerakure zikuzengera inyuma ngo nabapolisi niziki,noneho reka kwirirwa uravuga menshi birerekana neza uruhande uherereyemwo,abarundi b’umutima ntiwibaze ngo turacasamazwa canke tuzoteshwa intumbero nutujambo tuvurwa nabigira intama kandi ar’amabingira
6 Nyakanga 2016, 22:34, par Kamenge
Kidumu iyo ava mu Burundi abonanye n’abandi bose muga atabonanye na Peter, yagize ikosa aho ejo ntazoja kuraba imva y’Adolphe Nshimirimana? acunge sana
6 Nyakanga 2016, 23:03, par alia
ubu twibereye mumaganya nawe ngo ura turirimbira !! ririmbira abo ba polic nibo ba nezerewe barahaze agaturi nayo baguhemba ntibayabuze
7 Nyakanga 2016, 00:50, par Muhangaza
Izo niza mijeri zomenyereye kuvuga ivyozitazi nokubesha murazobaza abazungu bemeye ivyobavuze ukuntu uyumusi bicuza. Nagombakubabwirako mijeris iyozibonye ubantu bagiye kubikorwa rusangi bacababitakobose arabanwanyi ba CNDD FDD oyobabonye umuntu ahawe canke ahaye umunyenga mumodoka numu CNDD FDD uwobaxabamwita umu CNDD FDD babonye uriko urikorera utwawe wivuye inyuma bacabakwita DD.
Mwibuke ejobundi umuririmvyi rurangiranwa wumurundi yafatanije nabarundi isinzi mazebasunira kwiririmbira ururirimbo rwiwe nkekayaririmvye mugihe cumuhisi Bagaza akiri prezida wu Burundi baciyenamwita umu DD ubonako harinomubihe vyokwiyamiriza Kagame arike kuguma ashojorera abanababarundi yagize ingwati mugihugu ciwe ngonimpunzi bakaza kwisuka kurisongoye ngonaje kurwana ngomkuko DD na FML bigeze kuzabaratera mwimyaka yimbwreyuko habamasezerano yoguhagarika intambara.
Kisumu Manirambona kubayaje kwibugiriza umuziki abarundi isinzi bakardyoherwa baciyebamunonamwo ubu DD bisigurako ibintuvyose bikozwemu Burundi bikitabirwa nabantubeshi bicabibonekera mijeris kovyakozwe naba DD.
Mayowihenzeho ugacisha mukanwa ijambo ngo abarundi dukomere mugutsimbataza Amahoro mijeris mengo nokukurya zikubonye akaryo zokurya.
Mpamagariye abarundi kwemera tukabaho tuziko izomujeri Ko tuzokomeza kubaho zimbejagirika ukwonyene kuko mwenabo iyobabaye arabomubohugu vyabarabu bimwemubihuhu bikomakomeye bicabibita abaterabwoba canke abihevyi/ivyihebe.
7 Nyakanga 2016, 13:10, par muvyinyi
Nareke kubesha abantu.mbe ntazi imigabwe amaze kujamwo.2005 n’agatanu ntiyitoje kugiti caMRC i mwaro.yabishatse kuva kera.gusa nuku ubu yifatanije n’abasheshe amaraso.
8 Nyakanga 2016, 10:29, par buja
burya,nabumvirijeee.umuntacungegwan’IMANA.ntabapfuye baribacungerewe kurushaho?
8 Nyakanga 2016, 12:40, par shwali
namba abo baporisi aribo yizy ntakundi mugabo ariko arihenda uyo numusivir nabanz arabe bangah bapfuy bari aba jnr non kuyo ari umurikir wunva atinyiriki?
8 Nyakanga 2016, 17:31, par NKUNDAMAHORO
EREGA ABA OPPOSES BO NTIBEREKWA UWUVUGA AMAHORO,NAHOWE WEWE KIDUM BIG UP TURAGUSHIGIKIYE.B’OPPOSE CANKE BAREKE TWEBE IKITURAJE ISHINGA NUKO ABARUNDI TWOGORORA.
11 Nyakanga 2016, 20:02, par Babu
Bazoguma Bavuga Natwe Dukora Bamenyeye Irindwi Nakabiri Icenda Nagatatu Uruhigi Gwarahindukiye Dushatse Twobigira Ariko Twe Twubahimana Turobasengera Bihane Bishe Kera Barimenyeye
12 Nyakanga 2016, 07:24, par Tony
Ico n’icitwazoc’abapoliticier,nibamureke
3 Gitugutu 2016, 22:27, par Alexandre
Oya Nukuri Kidumu Nibamureke Vraiment Yishakira Amahoro Kandi Natwe Niyo Dushaka.
12 Rusama 2017, 23:41, par Botto
Ntibakuzize Ubusa Abo Bansi Bamahoro Irambire.
1er Myandagaro 2017, 14:10, par Muhimu
nibamucungerere Uwoa Mutekano Kuko Hariho Ibigabo Birazwa Ishinga Naguhiga Abantu Mukubagirizak Ngo Boba Arabanywanyi Bareta Ariko Bigomvye Vyoturura Tukabana