Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Uruzi Ntahangwa rurabangamiye zimwe mu nyubakwa z’abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Bujumbura : Uruzi Ntahangwa rurabangamiye zimwe mu nyubakwa z’abanyagihugu

Bujumbura : Uruzi Ntahangwa rurabangamiye zimwe mu nyubakwa z’abanyagihugu

mercredi 12 Ntwarante 2014

Uruzi Ntahangwa rurabangamiye quartiers za Mutanga Sud, Mugoboka na Kigobe Sud. Urwo ruzi rukaba rwatanguye kwonona iruhande y’aho rwahora ruca, mu kubomora zimwe mu nzitiro z’amazu.

Abanyagihugu baba muri quartier ya Mutanga Sud cane cane kw’ibarabara rya Sanzu baratewe impungenge n’urwo ruzi, ruja rumaze kwonona inkombe zarwo, ndetse abaho kw’ibarabara rya Sanzu bakagira ubwoba baravye ingene basigaje imetero zitanu gusa, kugira bashikirwe n’urwo ruzi. Abo banyagihugu bakavuga ko amakenga ari menshi, kuko ibintu bidakozwe vuba, mu minsi amazu yabo, bazoyasanzga hagati muri Ntahangwa.

Urwo ruzi rero, rukaba rumaze kwonona ibitari bike na cane cane amwe mu mazu y’abanyagihugu canke amashure ruca hafi. Aha tukavuga nk’ishure ryisumbuye rya Mutanga Sud. Muri quartier ya Kigobe Sud naho nyene, urwo ruzi rwa Ntahangwa, ruramaze kwonona amazu kw’ibarabara rya Mukarakara, nko ku metero ijana gusa ry’ibarabara ry’itiriwe uwa 28 Munyonyo. Ababa mu micungararo y’urwo ruzi, bakamenyesha ko imvura imaze iminsi irwa, isongera isibe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mbe abajejwe ibidukikije bagiyehe?Ubwo ntibogarukira aryamazu agiye kubomoka,erega bakwiye kumenya ko ruzohava rukwira igisagara cose bibuke gutora ingegene imisure yagurutse.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.