Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwego rw’abashingwamanza ruriyamiriza ipfungwa rya Petero Karaveri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urwego rw’abashingwamanza ruriyamiriza ipfungwa rya Petero Karaveri (...)

Urwego rw’abashingwamanza ruriyamiriza ipfungwa rya Petero Karaveri MBONIMPA

dimanche 18 Rusama 2014

Inyuma yipfungwa rya Petero Karaveri MBONIMPA arongoye ishirahamwe APRODH, abatari bake baranegura ingingo yo kumushira mw’ibohero. Muri abo, urwego rw’abashingwamanza ry’i Bujumbura narwo ruranegura ipfyungwa ry’uwo aharanira agateka k’abanyororo.

JPEG - 113.4 ko
Umunshingwamanza Gaburiyeri Sinarinzi

Umunshingwamanza Gaburiyeri Sinarinzi arongoye muri kino gihe urwego rw’abashingamanza ry’i Bujumbura amenyeshako baguye mu gahundwe bumvise ipfungwa ry’uwutwara APRODH, Petero Karaveri MBONIMPA. Gaburiyeri Sinarinzi avuga ko, uguhungabanya umutekano w’igihugu c’Uburundi na Repubrika iharanira intwarorusangi ya Congo, vyagirizwa umukuru wa APRODH ntibifashe. Kimwe gusa urwego rw’abashingwamanza rw’i Bujumbura babibonamwo intumbero ya Reta yo kunumya Petero Karaveri MBONIMPA.

Ivyo bikaba mu gihe abarundi n’amakungu bariko bararondera ukuri kubijanye n’imyimenyerezo ya gisirikare ivurwa ko iriko ibera mu gihugu kibanyi c’Uburundi. Imyimeneyerezo yoba igirwa n’urwaruka. Gaburiyeri SINARINZI arongera akavuga ko atagikozwe, ntihakurwe ibirwanisho iyo mirwi y’urwaruka ivurwa ko irikora ikora imyiteguro ya gisirikare, nta nkeka amatora Uburundi bw’imirije arashobora kwononekara, hakaba n’ayandi mabi.

Urwego rw’abashingwamanza ry’i Bujumbura rikaba ruvuga ko ryiyamirije ipfungwa rya Petero Karaveri MBONIMPA. Rugasaba ko yorekurwa atakirinze gusaba. Urwo rwego rusaba ONU kugira amatohoza kuvyerekeye itanga ry’ibirwanisho, ukuri kuje ahabona. Reta nayo isabwa kudasha coba kubijanye n’amafoto yerekanywe n’umukuru wa APRODH, riho Reta isabwa gusaba agacumu k’ubumwe ku bihugu bifise ivyuma bikomakomaye vyofasha Uburundi kugira amatohoza.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

  • mbega ko uwo mutama Claveri mumuryaagumba mumuziza ukuri! muramenye ko ukuri guca muziko ntigusha ! imbwa yahiye k,umurizo iti: burakeye tuvyereke abagabo!!! mubikore muvyibuka bizobakora!

  • Ababandika mumazina ya’ ##### bavuga ngokwambika ibara igihugucawe ngonukuri bobo vyofatakanya kugirabamenyekane barengukishwe babazwe ivyobakomeje kudambikanga. Ariko aba biseruye bomurwego rwabashingwamanza mubakoreko amatohoza urevye umvugo barikobarakoresha babonekana nkabari mubafatikanije na Mbonimpa mukurondera kwanduza igihugu cu Burundi, namwe nimwiyumvire,kubonabubahuka bakavugango baguye mugahundwa bumvise Mbonimpa yafunzwe! Jewe iyabandabo bashingwamaza twarikuvugako twaguye mugahundwa twumvise ivyo Mbonimpa yakoze, canke bakanuma ntibagire icobatangaza, Ndabasavye ababijejwe ubutungane abobashingwamanza bubakoreko amatohoza kuko abafashanyije na Mbonimpa bariko baraboneka bitagoranye, nubwonumva amatohoza yamaze gutangura kandi akaba arikwaragendaneza kukohariko harabonekana ko Mbonimpa atariwe yifashije gutegura ririya rementanya ukoturiko turavyumva hariko harabonekana ko harimwo nabamwe mubarundi basanzwe bataba mu Burundi, Iy’Isi yakinogihe uwutayitozeko yaramaze kumera amenyo erega ayomenyo avurwa nizi mashini tubundako tukandika ibitagirira ikimazi igihugu, umuzungu afatishije iyimashini aronderamwo icofasha kugira igihugu ciwe giterimbere nayotwebwe nukuyikoresha turonderamwo imivyimba yabapfiriye mubindi bihugu ngomaze ntuyagirize igihugu cacu! murayomenyo Isi yameze harimwo nutudu simu twiriza mugutwi abazungu badukoresha kugira igihugu cabo giterimbere kandi ntihagire uwukirenganya, ariko twebwe abarundi tuzikoresha duhamagarana nabashingwamaza tubabwirango murazohagarara magabo igihe irirementanya turiko turashaka gushira kuri reta ryogorana, ngira muriyumviye abashingwamaza kobatanguye guhagarara magabo kwirementanya Mbonimpa aherutse kurementaziriza reta yu Burundi!!!

  • EWE WIYITA MAMA URATEYE ISONI URASABA AKAZI MURI PRESIDENCE CANKE MURI DOCUMENTATION KUKO WABAVUGIRA.

  • @Roza Kamikazi, vyarikuba vyiza koko nkozemuri Presidence,ariko ndagusavye wihangane kuko ndabirengeye kureniyo kuko ivyonkora ndabikora ntagitsure nibinandika ngaha ntawabintumwe nikugatwe kanje ariko nambawarankurikiranye neza inkurunyishi ndazikura mubantu barimumirwi itandukanye, ikindi nukwabantu bibagora kwemera jewe sindimuri CNDD FDD ariko mumatora aheruka natoye Nkurunziza kubera uwonariniteguye guhijwi yariyaciye yiruka kandi burya abantu batoye Nkurunziza saba CNDD FDD gusa harihonabandibantu bamutoye kubwishi batari muri CNDD FDD nunomusi ubasavye igitansi cumugambwe wa CNDD FDD baterererako umugambwe ntibagira ariko barafise iyindimigambwe baterera CNDD FDD ntuzohave wibaza ngomugihe camatora ngwitorwa nabanywanyi bayogusa, nicogituma harihobeshi bamaze kubona kobahendwa nabitwa abanywanyibabo basigaye babona ko ivyabenegihugu batabinezwe kugiruzobamenye uzosanga bihatira kuvuga ibintu vyoguhababura imitima yabenegihugu cane imisiyose bagize icobavuga. Mberemboneyeho nakaryo kokugusaba ko wokomeza kuzurakurikirana cane ivyonanditse kuko mumisi ngiye kuzovugavyishi vyaha ihacu Burundi binashotse nivyo mumicungararo u Burundi buherereyemwo kokohose ndahakorera cane hafimisiyose.ubutugomba kwereka abobose iyobashatse kurondera ukobabaho bacabitangurisha amashirahamwe atagira icepfonaruguru ngobarimwo baraharanira agateka kanje, kawe, kabo, kotwabahinyuye. none kobadukunda kobadakora amashirahamwe yokutwereka ukotwobika ibijumbu mugihe kirekire bitarabora? none kobadukunda kobatagira amashirahamwe yokutwereka umuryo twobika imboga zeze igihe kinini? etc. Mbega abantu ubahumutwe bakaryana namatwi weeeeeeee!!!

  • Mbonimpa arazira ubusa,kuko ivyo bariko barakora vyose,nizo mbonerakure ONU ibizi kurusha uko mbonimpa yabivuze,Techno.zararenze ndababazwa nabategetsi b,Uburundi badasohoka ngo baje hanze,ntavyo munyegeza kuko vyosi vyosi birahabona,ahubgo abategetsi baza bavuga ivyo badendekanya, amahanga abaraba mu bwonko bakitwengera gusa kuko Tom tom zaraje,na jewe ubu nyene aho nshatse ....>....ndahabona nka television.

  • Bakwiye ahubwo kubaka izo ntahe zanyu kubera ko mwirengagiza ukuri mwiboneye, iyo baba bari abandi twobitegereye mugabo abitwa ko bize amategeko kubona ari mwebwe mwubahuka kuvuga ko mwiyamirije ifatwa ryiwe muteye isoni. Twibaza ko mwabonye iyo yakuye amafoto arya mafoto atari nayabarundi. Mbega yari ajejwe i perereza hoho aperereza Leta na Congo ? Murateye isoni mwerekana ko ivyo mwize mwabisize kuntebe y’ishure hama mukavuga ngo ubutungane buriko bukora nabi namwe mugaca muvuga ibigayitse gusumba. None ubona arinde yobizigira, eka murerekanye abo muri.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.