Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Buraza : Abanyagihugu baracarindiriye imigambi y’abazitoza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Buraza : Abanyagihugu baracarindiriye imigambi y’abazitoza

Buraza : Abanyagihugu baracarindiriye imigambi y’abazitoza

dimanche 22 Ntwarante 2015

Muri komine ya Buraza, bamwe mu banyagihugu baremeza ko babanye neza mu budasa bw’imigambwe yabo, mu gihe amatora yegereje, ariko ko hari n’agacamwo.

Manirakiza Jean Berchmans wo mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA ishami rya Concilie Nibigira, avuga ko abanyagihugu babanye neza, ko mbere n’iyo abo banyagihugu bipfuje kugira inama bataburagizwa n’abajejwe intwaro, iyo bakurikije amategeko. Ariko mu migambwe itavuga rumwe na CNDD FDD iri mu runani ADC Ikibiri, bati, kuva mu mwaka w’2010 twari tubanye neza, ntitwaburagizwa, ariko kuva mu mwaka w’2014 vyarahindutse. Umunywanyi w’umugambwe FRODEBU aho i Buraza, akavuga nk’inama y’umugambwe MSD yabujijwe na musitanteri ko ikorana, mu mwaka uheze w’2014.

Ariko rero imwe mu misozi y’aho i Buraza, abanyagihugu bayibako, bakavuga ko batabona imigambwe ijayo kubabarira imigambi yabo, mu gihe amatora yegereje, mbere hasigaye amezi abiri. Abo banyagihugu, bakavuga ko imigambi ariyo ikenewe ubwa mbere, kugira baze bamenye, abo bazoha amajwi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.