Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Abasirikare bagomvye gutembagaza ubutegetsi bashize (...)
Burkina Faso: Abasirikare bagomvye gutembagaza ubutegetsi bashize ibirwanisho hasi
mercredi 30 Nyakanga 2015
Abasirikare bacunga ubuzima bw’umukuru w’igihugu bashize ibirwanisho hasi,inyuma y’igitero cakozwe mw’ijoro ryo kuwa 29 Nyakanga 2015,kw’ikambi yarimwo abasirikare bari batembagaje ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu mfatakibanza Michel Kafando.
Igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu gisirikare ca Burkina Faso kimenyesha ko igisirikare kiyoboka intwaro mfatakibanza arico kigenzura ikambi ya Naaba Koom II ibamwo abasirikare bacunga umukuru w’igihugu.
Abasirikare bayoboka intwaro mfatakibanza bashoboye kwinjira inyuma y’ibitero vy’amabombe bakoze muri iyo kambi,yarimwo abasirikare bagomvye gutembagaza ubutegetsi barongowe na General Gilbert Diendere.
General Gilbert Diendere yavuze ko ingwano zamaze amasaha abiri,ariko umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare yavuze ko ingwano zaheze mu mwanya muto,gushika aho abasirikare bashoboye kugenzura ikambi yose.
Gushika ubu ivyononekaye muri ico gikorwa co kwaka ibirwanisho abasirikare bagomvye gutembagaza ubutegetsi ntibiramenyekana.
Van Naris Mugisha
Messages
30 Nyakanga 2015, 21:08, par François
Aho birumvikana,ko bose ni abasirikare b-igihugu!Nta munyagihugu bica. Mais burundi barondera umunyagihugu atankoho afise,nitwe twicwa. Donc il ya trés differance entre Burkina et Burundi.
3 Gitugutu 2015, 10:21, par emanwer
birababaje kubona! abanyagihugu dukomeza gupfa ,atacamira! nabo bireba. bigaramiye mugabo! imana izaduhorera,
nibaturekere uwi imana yatwihere prezida nkurunziza atuyobore,,,,
3 Gitugutu 2015, 10:22, par emanwer
birababaje kubona! abanyagihugu dukomeza gupfa ,atacamira! nabo bireba. bigaramiye mugabo! imana izaduhorera,
nibaturekere uwi imana yatwihere prezida nkurunziza atuyobore,,,,