Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso : Abasirikare basabwe kutagumya ubutegetsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso : Abasirikare basabwe kutagumya ubutegetsi

Burkina Faso : Abasirikare basabwe kutagumya ubutegetsi

lundi 3 Munyonyo 2014

Bimwe mu bihugu vya Rutura bibandanya gusaba ubutegetsi bwa lieutenant-colonel Isaac Zida gusubiza vuba ubutegetsi abanyagihugu, ubutegetsi bukava mu minwe ya gisirikare.

Ibihugu vya Reta zunzubumwe z’Amerika hamwe n’ibihugu vyo mw’ishirahamwe rya Buraya, bikaba bisaba abasirikare ko batohirahira ngo bagumye ubutegetsi, nyabuna bayage n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike hamwe n’abanyaporitike bose uko ubutegetsi bwosubizwa abanyagihugu, gutyo hategurwe amatora.

Ivyo bihugu bikababazwa n’abantu bahitanywe n’imigumuko yo kwiyamiriza Blaise Compaoré yari amaze imyaka 27 arongoye ico gihugu. Kuri uyu w’Imana rero abanyagihugu isinzi bakaba baciye basubira mw’ibarabara biyamiriza ubutegetsi bwa gisirikare, ariko ntiborohewe kuko abashaka gushika kw’iradiyo nkuru y’igihugu babujijwe, ndetse umwe aritaba Imana muri abo banyagihugu.

Abaserukira ibihugu vya Amerika na Buraya, bakaba baciye basaba iyo ntwaro ya girikare ko abanyagihugu batosubira kwicwa mu gihe bafise ivyo basaba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.