Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso : Abasirikare basabwe kutagumya ubutegetsi
Burkina Faso : Abasirikare basabwe kutagumya ubutegetsi
lundi 3 Munyonyo 2014
Bimwe mu bihugu vya Rutura bibandanya gusaba ubutegetsi bwa lieutenant-colonel Isaac Zida gusubiza vuba ubutegetsi abanyagihugu, ubutegetsi bukava mu minwe ya gisirikare.
Ibihugu vya Reta zunzubumwe z’Amerika hamwe n’ibihugu vyo mw’ishirahamwe rya Buraya, bikaba bisaba abasirikare ko batohirahira ngo bagumye ubutegetsi, nyabuna bayage n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike hamwe n’abanyaporitike bose uko ubutegetsi bwosubizwa abanyagihugu, gutyo hategurwe amatora.
Ivyo bihugu bikababazwa n’abantu bahitanywe n’imigumuko yo kwiyamiriza Blaise Compaoré yari amaze imyaka 27 arongoye ico gihugu. Kuri uyu w’Imana rero abanyagihugu isinzi bakaba baciye basubira mw’ibarabara biyamiriza ubutegetsi bwa gisirikare, ariko ntiborohewe kuko abashaka gushika kw’iradiyo nkuru y’igihugu babujijwe, ndetse umwe aritaba Imana muri abo banyagihugu.
Abaserukira ibihugu vya Amerika na Buraya, bakaba baciye basaba iyo ntwaro ya girikare ko abanyagihugu batosubira kwicwa mu gihe bafise ivyo basaba.
Aristide Nizigire