Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso : Abasirikare nibo bagiye kurongora ubushikiranganji (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso : Abasirikare nibo bagiye kurongora ubushikiranganji (...)

Burkina Faso : Abasirikare nibo bagiye kurongora ubushikiranganji bukomakomeye

lundi 24 Munyonyo 2014

Reta mfatakibanza ya Burkina Faso yaraye ishinzwe, nk’uko umunyamabanga mukuru wa Reta Alain Thierry Ouattar, yabishikirije ku mugoroba wo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 23 Munyonyo.

Iyo Reta ikaba igizwe n’abasirikare bane, babiri bakaba bahawe kurongora ubushikiranganji bukomakomeye nk’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, hamwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Lieutenant colonel Issac Zida agiye kurongora amabanga y’ubushikiranganji bwa mbere afadikanije n’amabanga y’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi. Michel Kafando nawe umukuru w’ico gihugu akazofatanya ayo mabanga no kuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’ico gihugu n’ayandi makungu. Colonel Auguste Barry, basanzwe begeranye cane na Zida,akaba yagenywe kuba umushikiranganji w’ubutaka n’umutekano. Ukuyemwo rero Kafando hamwe na Zida, iyo Reta mfatakibanza ikaba igizwe n’abashikiranganji 24.

Michel Kafando rero umukuru w’igihugu mfatakibanza akaba afise igikorwa co guca ategura amatora y’umukuru w’igihugu ategekanywa mu kwezi kwa Munyonyo 2015.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.