Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Gen Diendere yemeye gusubiza ubutegetsi abanyagihugu
Burkina Faso: Gen Diendere yemeye gusubiza ubutegetsi abanyagihugu
mardi 22 Nyakanga 2015
General Gilbert Diendere yafashe ubutegetsi mu gihugu ca Burkina Faso, avuga ko yiteguye kubusubiza Reta y’abanyagihugu inyuma y’ibiganiro bihagarikiwe n’abahuza bo mu karere.
General Gilbert Diendere, yatembagaje ubutegetsi arongoye umugwi w’abasirikare bacunga ubuzima bw’umukuru w’igihugu kuwa kane igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015.
Mw’ijambo yashikirije inyuma yaho abasirikare bayoboka intwaro mfatakibanza basabiye umurwi w’abasirikare wari watembagaje ubutegetsi gushira ibirwanisho hasi, yasavye ikigongwe igihugu avuga ko adashaka ko hari ayandi maraso aseseka.
Igisirikare kiyoboka intwaro mfatakibanza bemeye ko umurwi w’abasirikare watembagaje ubutegetsi,ugirirwa ikigongwe ariko wemeye gushira ibirwanisho hasi.
Biravugwa ko General Gilbert Diendere yahungiye muhira ku mutegetsi umwe kama,mu gisgara ca Ouagadougou.
Van Naris Mugisha
Messages
22 Nyakanga 2015, 10:22, par k
n umusazi kirazira gusubiza
22 Nyakanga 2015, 10:49, par cumacindubaruba
il mérite la pendaison comme niyombare au burundi. que les putschistes au burundi y trouvent leçon. le pouvoir est pour le peuple qui élise les leurs et non l’usage de force.
22 Nyakanga 2015, 11:52, par Fulgence
Naho yasavye ikigongwe ntiyibazeko bizomworohera.Iyo yemera akari mu menyo y’imbwa bakagakuzayo ubuhiri.Ariko ndaguye ndagarutse yashatse gukingira umuryango wiwe.
22 Nyakanga 2015, 12:07, par idrissa ngaruko
ewe ncuti yanje urabanza ubaze Emmanuel Nkeshimana aririmba ati urantunga perezida urantunga ukutabwirwa kurazirwa..........
usanga rero humvirizwa abavuga mwenuko.
DOGO eyi nawa ati ikibwigwa ni icumva icerakwa ni ikibona mwoye kujana Nyabahururu!!! gerageza rero.....
22 Nyakanga 2015, 13:17, par Rosa kamakazi
ewe fulgence ivyo muri burkina nuburundi ntaho bihuriye niwaba ufise umutwe ukora neza.
22 Nyakanga 2015, 21:26, par BONA
ATARI MUBURUNDI BATAGIRICO BUBAHA ABANDI BARATINYA AMAKUNGU KANDI RABA IBIGANIRO NIVYO BITUMYE BISHOBOKA!!! KANDI IYATAJA MUBIGANIRO NTIYARI KUBONA AMAKOSA NA PITA YOJA MUBIGANIRO NIHO YOKWUMVA AHUKURI KURI!! KANDI NDAZI YOSABIKIGONGWE ABANYAGIHUGU.
23 Nyakanga 2015, 16:24, par m fudji
numugabo kdi yagaragaje ko adashaka ko muri bourkina faso hameneka andi maraso n’umwiryane.ahosheje urugomo,ubugome n;idindira ryiterambere mugihugucye.uwabushubijwe nawe amureke atange amahoro mugihugu.kuko bamugiriye ikigongwe baba bamwishe iyo baba abagome cange abanyabwenge buke nka president nkurunziza nabambari biwe.
26 Nyakanga 2015, 11:25, par jean claude
africa yuzuye abadyi