Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso : igipolisi caratanye mu mitwe n’abari mu myiyerekano yo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso : igipolisi caratanye mu mitwe n’abari mu myiyerekano yo (...)

Burkina Faso : igipolisi caratanye mu mitwe n’abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro

mercredi 29 Gitugutu 2014

Abantu baharurwa mu bihumbi majana bo mu gihugu ca Burkina Faso barihereje amabarabara kur’uyu wa kabiri biyamiriza integuro yo guhindura ibwirizwa nshingiro kugira Blaise Compaoré haheze imyaka 27 arongoye ico gihugu asubire kwitoza ubugira gatanu.

Iyo myiyerekano yabereye ku murwa mukuru Ouagadougou, ikaba yoba yahuje abantu bagera ku muliyoni, nkuko bimenyeshwa n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Abo bari mu myiyerekano harashitse igihe batana mu mitwe n’abajejwe umutekano. Umuvugizi wa Reta, Alain Edouard Traoré yamenyesheje ko intwaro rusangi ikomeye cane muri Burkina Faso, ariko akanegura cane iyo myiyerekano.

Abari mu myiyerekano bagiye baravuza amafirimbi na za Vuvuzela. Ku vyandiko bari bitwaje twobonako : "Yuda, tuveko", "Blaise genda" canke "ingingo ya 37 ntukoreko".

Messages

  • ese uyu mu president amaze imyaka ingana gutryo atwara!ntiyobisa abandi nabo?ere ntamigambi yoguteza imbere ico gihug agifite

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.