Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso:Inama y’umutekano ya ONU iriyamiriza itembagazwa (...)
Burkina Faso:Inama y’umutekano ya ONU iriyamiriza itembagazwa ry’ubutegetsi
vendredi 18 Nyakanga 2015
Inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iriyamiriza ihirikwa ry’ubutegetsi nfatakibanza mu gihugu ca Burkina Fasso,ikemenyesha ko umusirikare yafashe ubutegetsi atabusubije azofatirwa ibihano.
Mu nama yabaye kuwa kane igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015 ,inama y’umutekano muri ONU yasavye irekurwa ry’abategetsi bose bafashwe n’iyubahirizwa ry’ikirangaminsi c’intwaro nfatakibanza hamwe nuko amatora yoba kw’igenekerezo rya 11 Munyonyo 2015 nkuko bitegekanijwe.
Tété Antonio aserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika muri ONU,yavuze ko intumwa idasanzwe ya ONU mu karere ka Afrika y’Uburengero Mohamed Ibn Chambas yavuganye na Gen Gilbert Diendere yafashe ubutegetsi amubwira ko mu gihe atokwubahiriza amasezerano mpuzamakungu araba ivyo amatora,intwaro no guhindura ibwirizwa nshingiro.
Tété Antonio yavuze ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ata gaciro riha ikurwa ku butegetsi rya Michel Kafando kandi ko rishobora gufata ingingo zikomeye mu gihe atokwbahiriza amategeko.
Van Naris Mugisha
Messages
18 Nyakanga 2015, 10:22, par Ma
IMANAIMBERE
18 Nyakanga 2015, 11:32, par akayag nikiyaga
nibayikor bahuriz kurikimw bagisubiz burez kopawul
19 Nyakanga 2015, 20:29, par nkdn
ONU ahubwo niyiyamirize abagira makudeta bahanwe hamwe nabandi batazosubira kuvyiyumvira tb
20 Nyakanga 2015, 02:30, par fidelite
Onu ubu irahanzwe,bagiye kubombarda syria,abafaransa n’ababiligi bazohurirayo kwiba